Accueil > Kwidagadura > Gospel > Gabby ariko ategura igiteramo co gushimira Imana i Bujumbura
Gabby ariko ategura igiteramo co gushimira Imana i Bujumbura
samedi 20 Mukakaro 2013
Haraheze ikiringo c’umunsi umwe Gabby Kamanzi umuririmvyi w’umunyarwandakazi aririmba indirimbo zihimbaza Imana avuye hano mu c’Uburundi aho yari yaje kw’igenekerezo rya 18 z’uku kwezi.
Ku munsi w’uyu wa gatanu aho yagira ,asubire inyuma yaramenyesheje ikinyamakuru IGIHE imvo yari yamutumye aza mu Burundi. Gabby yavuze ko yaraje ku mvo zo gutegura igiteramo gikomeye kuko uretse ibitaramo yagiye arazamwo aje gufasha abaririmvyi bagenzi biwe, ariko ko atagiteramo ciwe yari bwahakorere kandi akaba yabisabwe n’abantu benshi bo mu Burundi.
Uyo muririmvyi yabandanije amenyesha ko ico giteramo kizoba ari ico gushimira Imana kubera imirimo itangaje Imana yamushoboje mu bijanye n’ibikorwa vy’Imana kuko kuva atanguye kuririmba abona agenda atera imbere, akaba yumva yoheza akabishimira Imana. Yanamenyesheje y’uko muri ico giteramo azaboneraho akanya ko gushira Album yiwe ku mugaragaro; iyo album ikaba yitwa ngo Ungirira neza igizwe n’indirimbo 12.
Tumubajije igihe azakorera ico gitaramo mu Burundi, yavuzeko atari kera kuko yibaza ko mu kwezi kuri imbere ariho yogaruka, aho azoyikorera n’amagenekerezo bizomenyekana neza, ariko bikaba bitazoteba kuko agiye kuvyigira hamwe n’abandi basanzwe bamufasha i Kigali n’abaririmvyi bo mu Burundi nka Fortran n’abandi kubiraba neza bagaheza bagatanga amagenekerezo n’’ukwezi.
Joel Sengurebe