Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gabon : Ibinyamakuru ntibisohoka, internet nayo yugawe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gabon : Ibinyamakuru ntibisohoka, internet nayo yugawe

Gabon : Ibinyamakuru ntibisohoka, internet nayo yugawe

vendredi 2 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibinyamakuru vyandika amakuru mu gihugu ca Gabon vyankiwe gusohoka kuva kuri uwu wa kane, internet nayo ikaba yugawe muri ico gihugu cose kiri mu mvururu kuva aho umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora umenyeshereje ko Ali Bongo yahora ku butegetsi ariwe yatsinze, ivyiyamirijwe n’abatavuga rumwe nawe bagiriza uwo murwi ko watanze ibiharuro bitarivyo.

Abantu batatu nibo bamaze kumenyekana ko bishwe, mu gihe abarenga igihumbi bahagaritswe n’igiporisi ca Gabon, inyuma y’iminsi ibiri y’imyiyerekano y’abayoboke b’umugambwe utavuga rumwe na Reta y’umukuru w’igihugu Ali Bongo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasavye ko impande zose zubahiriza umutekano inyuma y’imidurumbanyo yadutse kubera ukutumvikana ku vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu. Inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi yasavye abitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu n’ababashigikiye kudasomborokanya, hamwe n’ugutorera inyishu amatati abahuza biciye mu butungane.

Abatavuga rumwe na Reta bavuga ko umukuru w’igihugu Ali Bongo yivye amajwi muri ayo matora yabaye ku musi wa gatandatu, mu gihe uwo aramutswa Gabon abandanya kuvuga ko yatsinze amatora mu buryo butomoye, ko kandi intsinzi yiwe ari iy’abanyagihugu bo muri Gabon bose. Ali Bongo avuze ahubwo ko hari akagwi gato gashaka gufata ubutegetsi ku nguvu, ariko akamenyesha ko kananiwe.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Gabon wamenyesheje ko Ali Bongo yatsindiye gutwara ico gihugu mu kindi kiringo kigira kabiri c’imyaka indwi, ku majwi 49.8% nayo Jean Ping aronka 48.2%.

Uwo aserukira abatavuga rumwe n’ubutegetsi, Jean Ping, arahakana ivyo biharuro, akavuga ko uwo murwi utegura amatora watanze ibiharuro bitarivyo.
Abamuyoboka baciye bihereza amabaraba, batana mu mitwe n’abaporisi, baturira inama nshingamateka y’ico gihugu, abajejwe umutekano nabo baturira ingoro y’umugambwe wa Jean Ping.

Umukuru w’igihugu Ali Bongo yagiye ku butegetsi mu mwaka w’2009, inyuma y’urupfu rwa se wiwe nawe yari yagiye ku butegetsi kuva mu 1967.

Jean Ping atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Gabon yabwiye umukuru w’igihugu Ali Bongo ko bitagishoboka ko ahora ku butegetsi ibihe bidashira, akavuga ko ibihe vy’uguhanahana ubutegetsi ku miryango caheze. Umuryango wa Bongo umaze imyaka irenga 50 ariwo uramutswa ico gihugu, Jean Ping akavuga ko amatora yama yibwe, ariko ko ubu bitagishobotse.


IGIHE

Messages

  • Ayo matora abanyaburaya badusutsemwo rabe inkwirikizi. Modele yabo nta na hamwe ikora muri Afrika. Bararonse uburyo bwo gusambura Afrika, tubona.

    Igihugu nka Gabon kigiye gusubira inyuma mu vy’imibano, ubutunzi... ubutazosubira kuvyuka. Mwa ba nyafrika mutavuye inyuma Ubufaransa, n’abandi bakoroni,isi izorinda ihera mudateye imbere.

    Raba Uburundi, intamwe bwari buteyeko yari ishimishije cane, ariko kubera abacoroni bataroto babona Afrika itera imbere ntaco batagira ngo basambure ico gihugu.

    Urwanda, murindire gato Kagame akure ikirenge, ico gihugu kizosamburwa ubutagisubira kuvyuka. Ubu kubera Kagame ari igikoresho c’abakoroni, vyose ngo ni neza, umwaka bamuharurutse, bizoba nabi cane. Ninde yarusha gutona Mubutu, ninde yarusha gutona Khadafi, ninde yarusha gutona Havyarimana? Bahejeje gute? Ingorane y’abanyafrika ntimuzi gusoma histoire ngo muhakure icirwa.

  • @meza nkubwire murabo ba president uvuga ninde wavuyeho cg yishwe yaratwaye neza abanyagihugu? Mobutu kungoma yiwe Zaire yaribayeho gute? ningorane gusa, Habyarimana u Rwanda rwari rubayeho gute ? samacakubiri habyarimana yarafise kugeza habaye genocide ikica abarenga miliyoni, rero nukitiranye Kgame nabo Bose uvuga kd ibyo witeze ngo bizashikira u Rwanda ntabyo uzigera ubona nagato kuko twebwe ubwacu twabanje tumenya agaciro ubwacu nkabanyarwanda nkuko ubwacu twifashije guhagarika genocide mugihe ONU yananiniwe tukubakira mugihugu kitagendera kumoko ahubwo tukunga ubumwe tubifashijwe na nyakubahwa Paul kagame , twebwe ubwacu abanyarwanda twahisemwo kumwongeza indi manda ya 3 kd bizagenda neza , abafyura amaso mukomeze mutafyure ngo mu Rwanda hazaba imigumuko wapi kabisa never again , ahubwo twiteguye tumaramaje kugwanya ikibi cyose aho cyaturuka hose tuzakigwanya
    ntankozi yibibi ifite umwanya mu Rwanda

  • @Meza,ivyo ugereranya ntibigereranywa na gato u Rwanda n’Abanyarwanda bafise ivyiyumviro vyo guteza imbere yabo et puis barakora, ntamwanya w’amatiku bafise nk’Abarundi, bravo Kagame

  • Abarundi tumenye ko ntana 1/100 dufise par rapport yaho u Rwanda rugeze, sécurité,diplomatie,devellopement vyabo bigeze kure cane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.