Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amahinyu kuri Tanganyika Tile Industry igomba yegurirwe ikibanza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amahinyu kuri Tanganyika Tile Industry igomba yegurirwe ikibanza (...)

Amahinyu kuri Tanganyika Tile Industry igomba yegurirwe ikibanza c’amahegitari 48,5

mercredi 25 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Ishirahamwe OLUCOME risaba inama nshikiranganji kutemeza integuro y’itegeko ryegurira ishirahamwe Tanganyika Tile Industry ikibanza c’amahegitari 48,5 kiri kw’ibarabara rya Bubanza, mu Karwema, ku birometero 26 uvuye mu gisagara ca Bujumbura.

Mw’ishirahamwe bavuga ko batangajwe ukuntu inama nshikiranganji ihindura ivyari ku rutonde rw’ivyigwa kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 25 Ruhuhuma, aho hashizemwo integuro z’amategeko biboneka ko zigaragaramwo amahinyu, kuko zagiye gushikirizwa kuri uno wa gatatu nyene. Muri iyo nteguro y’itegeko bakaba bamenyesha ko muri ico kibanza bazohakorera amakaro avuye mw’ivu ryaho nyene, akaba azohakorera imyaka mirongo itanu hamwe inama nshikiranganji ryoramuka ryemeje iyo nteguro.
Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME avuga ko iryo shirahamwe Tanganyika Tile Indurstry rigomba guhabwa ico kibanza ryoba rifitaniye isano n’abategetsi bamwe bo mu gihugu.

JPEG - 134.7 ko
Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME

Gabriel Rufyiri asigura ko umuntu umwe ariwe yateye umukono kw’izina ryiwe n’iry’abana biwe, ku cegeranyo c’abagize iryo shirahamwe, bikagaragara ko ryoba ari ishirahamwe rigizwe n’umugabo n’umugore n’abana biwe batatu, kuko ibikumu vyateweko ku mazina atatu yose ari ivy’umuntu umwe, ariwe uwo mugabo nyene se w’abo bana batatu, kandi bikagaragara ko ayo mazina ari ay’abana. Gabriel Rufyiri avuga ko abagize iryo shirahamwe bose bava mu ntara ya Ngozi komine Mwumba, muri OLUCOME bakabona ko biteye amakenga, kuko bwoba ari nk’uburyo bwo kunyaga abarundi.

JPEG - 87.4 ko
ibikumu vyateweko ku mazina atatu yose n’umuntu umwe

Gabriel Rufyiri asaba inama nshikiranganji kutemeza iyo nteguro igaragaramwo amahinyu atari make, akabasaba kubanza gufata umwanya ukwiye wo gutohoza imbere yo kuyemeza.


Floxella Karire

Messages

  • vyukuri harageze ko tuva mu gacerere tukereka abantu ibiriko bikorwa
    amakungu abwigwe ukuri abari hanze twese nsabe duhaguruke twereke amakungu ibibi iyo reta iriko ikora abari AUSTRALIE NI MUJE TUVUGE JEWE NARABONYE AHO TWOCA

  • Barundi Barundikazi, harageze ko muva ibuzimu mukaja ibuntu.Ubwo muremeye imisi yose no guhendwa n’impumyi nka Gabriel. Umuntu wese atifuza ko haba iterambere mugihugu uwo muntu ni umwansi w’igihugu. Ukuntu uwo mugabo Rufyikiri Gabriel akra ahubwo arusha na opposition. Kwanza avuga ko ajejwe kuraba itunga ry’igihugu mbe yoba aserukira bande?yibaza ko imbere ko leta y’uburundi ifata ingingo itegerezwaq gusaba uruhusha Gabriel. Ni akamaramaza aho umugabo umwe yifatira mugahanga Leta. Just think about it for a minute!

    From Jean Luc

  • Minani,naje ndi austaralie mbarira iyo nzira twocamo,mugabo abe ariyo kubaka igihugu,kuko hari abanezegwa bumvishe ko amasoko yahiye,umuntu yubatse Usine agashavu kakaduga,ibgo rero ababa muri australie natwe turebe ingene duteza igihugu cacu imbere.

  • Nanjesimbakure ya Austraria Minani nashaka umbarire iyonzira dufashanye kuyicamwo dutware ibikorwa Burundi mazedutangakazikubwishi ubonako uwo ariwomuti wigihugucacu twavuyemwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.