IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gabriel Rufyiri aridegemvya inyuma y’amasaha atanu ari imbere (...)

Gabriel Rufyiri aridegemvya inyuma y’amasaha atanu ari imbere y’ubutungane

jeudi 17 Mukakaro 2014

Inyuma y’amasaha atanu ariko arumvirizwa n’umushikirizamanza wa mairie ya Bujumbura , Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe Olucome aridegemvya. Akaba yabajijwe ahanini ivyerekeye urupfu rwa Ernest Manirumva.

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe Olucome

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 17 Mukakaro, umukuru w’ishirahamwe Olucome yitavye ubutungane ,inyuma y’umutahe yarungikiwe ku munsi w’ejo igenekerezo rya 16 mukakaro. Igihe c’isaha zine niho yinjira mu biro vy’umushikirizamanza wa mairie ya Bujumbura . Akaba yamaze amasaha atanu arenga ariko arumvirizwa. Nk’uko bishikirizwa n’umushingwamanza wa Gabriel Rufyiri , Prosper Niyoyankana yariko yumvirizwa ku vyerekeye amatohoza ajanye n’urupfu rwa Ernest Manirumva yahoze ari icegera ca Gabriel Rufyiri. Uwo mushingwamanza avuga ko ari ibisanzwe ko bagira amatohoza ,ariko agasaba ubutungane ko bwokora ibishoboka vyose kugira bushobore gutora abishe Ernest Manirumva . Ariko amenyesha ko icatumye banateba rwose n’uko banamubajije ku vyerekeye itunganywa ry’ishirahamwe OLUCOME hamwe ni vyerekeye Rufyiri Gabriel ubwiwe.

Prosper Niyoyankana

Naho abatari bake bavuga ko bwoba bwari uburyo bwo kuruhisha umukuru w’ishirahamwe Olucome, umushingwamanza wiwe yabihakanye.

Tubamenyeshe ko umushingwamanza wiwe atashimye kugira ico ashikirije ku vyoboba bumvikanye. Igihe c’isaha icenda akaba ariho yaheza kumvirizwa aca aratahuka.


Floxella Karire

Messages

  • Kwarumushingantahe yatiwe nantabona,arasubira yiyadukize ngwagire imyigaragambyo ngaha mugisagara,mumubwire RUFYIRI ko nawene ategerezwa gusigurira abarundi irya nzu yiwe aho yakuye FB yayubakishije,natangure atange akarorero ,imbere yuko yitoza utunyoni,ngwabandi basigure iyo babikuye nawe tanga akarorero.

  • haaaaaaaaaaa, none mwitwarire ko wumva yubatse inzu???? BWENGE BUKE WEEEE uratohoza neza rufyiri siryambere yubatse inzu??? yatanguye kubaka muri 1998 tohoza neza

  • aho niterabwoba bamugirako kumurengutsa kugiraheshe mumyiyerekano arimwo turazinamye ikibazo muburundi kishurwa nikindi.murahumba sikobizohora ndabarahiye ntahikibi catsinze ukuri murazobaze mwantumvamwe.

  • Nimureke iryo nitera bwoba ryiyo mihirimbiri kubera gitinya kahava abatunga urutoke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.