Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rufyiri aritaba umushikirizamanza akukira Mairie n’urutonde rw’abanyonyeza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rufyiri aritaba umushikirizamanza akukira Mairie n’urutonde rw’abanyonyeza (...)

Rufyiri aritaba umushikirizamanza akukira Mairie n’urutonde rw’abanyonyeza amatungo ya Reta

mercredi 16 Mukakaro 2014

Igihe c’isaha icenda z’umurango, Gabriel Rufyiri ari kumwe n’umushingwamanza wiwe araza kwitaba umushikirizamanza akukira Mairie ya Bujumbura, kugira yerekane urutonde rw’abatunze vy’umurengera banyonyeza amatungo ya reta.

Mu gihe umukuru wa Olucome kuri uno munsi ariho yari gutanguza urugendo rwa wenyene muri rya sekeza ryo kwiyamiriza abanyonyeza amatungo ya reta , igipolisi cazindutse gikikuza urugo rwiwe guhera nk’igihe c’isaha icenda y’ijoro nk’uko tubimenyeshwa na Gabriel Rufyiri.

Gabriel Rufyiri bikaba vyaboneka ko yiteguye kugira urwo rugendo, akaba yari yasonesheje umwambaro n’agakofero biriko ibicapo vy’urugabo runini rugereranywa na reta n’akandi kagabo gato, kagereranywa n’umunyagihugu. Ako nako kakaba kahawe itegeko ryo kuguma kagaburira urwo rugabo.

Nk’igihe c’isaha zitanu niho umushikirizamanza akukira Mairie ya Bujumbura yarungika icariho ciwe Emile Nduwayo, aho yashikirije ubutumwa Gabriel Rufyiri bumusaba ko yokwitaba akamwumviriza. Umukuru w’ishirahamwe Olucome, Gabriel Rufyiri yaciye yitaba, aho bavuganye nk’ikiringo c’iminota 30. Inyuma yaho, nk’igihe c’isaha zitandatu niho yamenyesheje abanditsi n’abamenyeshamakuru ko aza kugaruka kwitaba igihe c’isaha icenda z’umurango, azanye urutonde rwabo avuga banyonyeza amatungo ya reta batunze vy’umurengera. Ariko rero ntiyigeze amenyesha ikica gikurikira kuri rwa rugendo yari yateguye mu gihe bamubujije. .

Tubibutse ko Gabriel Rufyiri umukuru wa Olucome yari yamenyesheje ku munsi w’ejo abategetsi ba kino gihugu ko agiye kugira urugendo rwa wenyene hamwe no kwisonzesha, muri rya sekeza ryo kurwanya abanyonyeza amatungo ya reta.


Floxella Karire

Messages

  • Birumvikana kuko na Mbonimpa yanje kumara imisi yigamba ngo arafise ivyeneza kwabarundi bari Congo munyuma azana ibidambikane, Rupdiri yarimazimisi yifuza......rekabimuyangarane wirebere!

  • iryo ndagita iterabwoba.none dushire agati muginyo kwabobakegetsi bacu bera oyanamba uwiyumvira gutyo arihenda,ntamwongubura isato ubudahizwe rupfiri natubikire ayomadosiye ubutungane bwukururi buzoboneka kandi sikera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.