IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Gabriel RUFYIRI yashize ahabona ubunyonyezi bwoba buriko bukorwa na (...)

Gabriel RUFYIRI yashize ahabona ubunyonyezi bwoba buriko bukorwa na OTB

vendredi 11 Mukakaro 2014

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel Rufyiri yandikiye icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, amusaba ko yohagarika isoko y’amafaranga agera ku miriyaridi 4 n’imiriyoni 200 iriko itangwa na OTB batubahirije amategeko.

Ishirahamwe rihingura icayi OTB (Office du Thé du Burundi), kw’igenekerezo rya 26 Rusama 2014, ryarasohoye icegeranyo c’itangwa ry’isoko ryo kugura umwavu wa kijambere (engrais chimiques) ugera ku matoni 1970 ku mafaranga y’amarundi imiriyaridi 4,2. Mw’ishirahamwe OLUCOME, mw’ikete barungikiye Gervais RUFYIKIRI, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, bashize ahabona utunenge twibonekeza muri iyo soko, bakagiriza abariko barayitanga ko bafise intumbero yo kunyuruza amatunga ya Reta.

JPEG - 34.1 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Nk’uko bivugwa na Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME, ntaho vyakabonetse aho isoho y’amafaranga agera ku miriyaridi zine yohabwa umuntu umwe, ata higanwa ribanje kuhaba, aho mukamenya ko mu cegeranyo c’ishirahamwe OTB bavuga ko iyo soko yatsindiye uwitwa Adrien NTIGACIKA, akaba yatanze ibiciro vyaciye vyemerwa batabanje guhamagara abandi kugira barabe uwozanira inyungu ishirahamwe rihingura icayi OTB, nk’uko itegeko rijanye n’itangwa ry’amasoko ribivuga mu ngingo yaryo ya 18. Gabriel RUFYIRI akavuga ko isoko y’amatoni 1970 idashobora guhabwa umuntu umwe, ahubwo ayo matoni bayagabura mu mice ine (quatre lots) kugira abahiganwa babe benshi. Mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko mu matohoza bakoze basanze uwo azohabwa iyo soko, Adrien NTIGACIKA yoba yemereye umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi imiriyoni 400 azoshira mu kigega cawo, aho mukamenya ko umukuru w’uwo mugambwe, Pascal NYABENDA yabihakanye igihe yabibazwa na Gabriel RUFYIRI, umukuru wa OLUCOME.

Muri iryo kete ryarungikiwe Gervais RUFYIKIRI, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ishirahamwe OLUCOME ryamusavye gukoresha ubushobozi ahabwa n’amategeko, ahagarike iyo soko itariko itangwa amategeko yubahirijwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Komera mutama ayo banyuruza barayaronka ariko umwana wa nyarucari ariko yicwa n,inzara mu kirundo nahandi.mbega abarundi tuzohendwa gushika ryari?

  • Imbere yavyose mbanje kubaramutsa mwese cane cane kuwusomye ibi nandi!! Mugire amahoro Y’Imana. Arikose ko amahirwanwa yama aba muturere dutandukanye tw’isi nihehe murumva ihiganwa riba munzira nkiyo??? Ihiganwa riba mugihugu cose kandi muturere dutandukanye twigihugu vraiment.

  • Nimba badasangiye ubwo bunyonyezi,nosaba ko icegera c’akabiri c’umukuru w’igihugu yoca abogoza umukuru wa OTB! None isoko y’umwavu isigay ari cokimwe n’isoko y’ibirwanisho? N’iyonzi iba atahiganwa ryabaye! Mana uzodukiza ryari abo basuma...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.