Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Reta yafashe ingingo ko abagore bose bazoja ku kazi bafutse (...)
Gambia: Reta yafashe ingingo ko abagore bose bazoja ku kazi bafutse umushatsi
mardi 5 Nzero 2016
Reta ya Gambia yamenyesheje ko ifashe ingingo yuko abapfasoni bose bazokwama batonda ku mirimo ya minsi yose bapfutse mu mutwe.
Ikinyamakuru cigenga gikorera mu gihugu ca Gambia, kimenyesha ko abapfasoni bose bategetswe gufuka no gupfunga umushatsi naho nyene kitashikirije icatumye iyo ngingo ifatwa.
Mu kwezi guheze, umukuru w’igihugu ca Gambia Yahya Jameh yamenyesheje ko igihugu ca Gambia kirimwo aba Islam benshi kandi ko kibaye Reta ya ki islam.
Agishikiriza ko Gambia kibaye Reta yak i Islam ,yavuze ko ata tegeko rizoshirwaho rijanye n’inyambaro, kandi ko abantu bo mu madini atandukanye atawuzobabuza gusenga aho bashatse.
Yahya Jammeh yakuye igihugu ciwe mw’ishirahamwe Commnwealth, avuga ko ari nko kubandanya gucinyizwa n’ababatwaye mu gihe c’ubukoloni.
IGIHE