Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Garou yatowe kuba umukuru w’umurwi uzotora “Miss France 2014” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Garou yatowe kuba umukuru w’umurwi uzotora “Miss France 2014”

Garou yatowe kuba umukuru w’umurwi uzotora “Miss France 2014”

samedi 30 Munyonyo 2013

Umuririmvyi rurangiranwa akomoka muri Canada, Garou, niwe yatowe ngo abe umukuru w’umurwi uzotora umukobwa mwiza w’umwaka mu Bufaransa. Akaba azoba ari mw’ihiganwa “Miss France 2014” rizoba kuwa 7 Kigarama 2013. Ivyo vyose bikaba vyatangarijwe ku mboneshakure yo mu Bufaransa, TF1.

JPEG - 33.7 ko
Garou

Pierre Garand benshi bazi kw’izina rya Garou ni umuririmvyi rurangiranwa akomoka i Québec muri Canada. Niwe yatowe kuba umukuru w’umurwi uzotora umwigemwe mwiza w’umwaka w’2014 mu Bufaransa. Aho akazoba ari mw’ihiganwa rya Miss France 2014. Ihiganwa rizoba kuwa 7 Kigarama uyu mwaka. Garou akaba asubiriye uwitwa Alain Delon aherutse gutanga imihoho muri ayo mabanga. Delon akaba yari yatowe kuba umukuru w’uwo murwi ubuzima bwiwe bwose.

Kuri iryo torwa rya Garou, biravurwa ko igikorwa kimurindiriye kitoroshe nagato. Abahiganwa muri iryo higanwa rya Miss France 2014 bakaba ari abigeme 33. Abo bigeme bakaba bafise imyaka iri hagati ya 18 na 24. Muri abo 33 akaba ariho hazovamwo uwusubirira Marine Lorphelin yatowe mu mpera z’umwaka w’2012, atorerwa kuba Miss France 2013.

Muri iryo higanwa rya Miss France 2014, Garou azoba umukuru w’umurwi urimwo n’abandi 6 bazofashanya ico gikorwa. Abo nabo bakaba ari aba bakurikira: Titoff, umukinyi w’ivyese bitwenza, Jean-Pierre Pernaut n’umutambukanyi wiwe Nathalie Marquay(uwabaye Miss France 1987) hamwe n’abaririmvyi Elodie Frégé na Vincent Niclo.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.