Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gashikanwa : Abanyagihugu 400 nibo baronse akazi mu murima w’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Gashikanwa : Abanyagihugu 400 nibo baronse akazi mu murima w’umukuru (...)

Gashikanwa : Abanyagihugu 400 nibo baronse akazi mu murima w’umukuru w’igihugu

dimanche 18 Nzero 2015

Abanyagihugu bagera ku 400 bo muri komine ya Gashikanwa nibo baronse akazi mu murima w’umukuru w’igihugu.

Abo banyagihugu bakaba bakoze umwaka wose muri uwo murima w’ibiraya. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akavuga ko abo banyagihugu baharonkera icigwa mbere baronka n’agahembo, gutyo n’ubutunzi bw’umuryango wiwe n’ubw’igihugu bukaboneraho gutera imbere. Yamenyesheje ko uwo mugambi watumye abanyagihugu na cane cane abakenyezi bari mu mashirahamwe bashika ku majana ane, baronka akazi narirya bakora umwaka wose kandi baronka n’agahembo.

Bisubiye abo bakorana muri uwo mugambi, baraharonkera icigwa c’ukugene barima n’ukugene bateragira imbuto kijambere. Ibiraya yarimye aho hantu akavuga ko biri mu bwoko bita Vigitoriya. Yamenyesheje kandi ko kw’ihegitari imwe yari yahateye ibiro amajana atandatu vy’ ibiraya akaba yahimbuye hafi itoni 7. Yamenyesheje kandi ko muri ico kibanza ahatera ibiraya, ubwishaza, ibitoke, ibiyoba, ibiharage n’inanasi iyo yimbuye akabona neza ko bifasha mu butunzi bw’umuryango n’ubw’igihugu kandi bigafasha n’abanyagihugu kumenya ukugene barima kijambere.

Yarongeye amenyesha ko n’abana biwe baharonkera akaryo ko kubona ukugene bigenda mu kurima, canke mu kwimbura gutyo bagakurana ishaka ryo kurima no kworora.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.