Accueil > Poritike > Imigambwe > Gaston Sindimwo asabwa kugeguza areke kwimbira icobo abandi
Gaston Sindimwo asabwa kugeguza areke kwimbira icobo abandi
jeudi 27 Ntwarante 2014
Inyuma yaho umukuru wa JRR muri komine ya Kanyosha Lionel Ninteretse afatiwe akajanwa gupfungwa, umuvugizi w’umugambwe UPRONA ishami rya Karori Nditije, asaba ko hogirwa amatohoza ataho ahengamiye.
Tasiyano Sibomana umuvugizi w’umugambwe w’Abadasigana UPRONA amenyesha ko intonde zimaze gukorwa z’abantu bagera kuri 22 bariko bararonderwa kugira bafatwe bapfungwe bagirizwa kuba bari mu bagize igitero ku rugo rwa Gaston Sindimwo asanzwe ari umunywanyi wa UPRONA irongowe na Konsiriya Nibigira. Uyo avugira UPRONA irongowe na Karori Nditije, asaba abajejwe umurwi w’amatohoza, kudahendwa, ngo baheve bahengama, ariko nyabuna bagire amatohoza ataho yegamiye. Ahanura Gaston Sindimwo kugeguza, areke kwama yipfuza kwimbira icobo abandi, kuko impera n’imperuka bizomugarukako.

Nayo umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye umuhari wa JRR mu gisagara ca Bujumbura akaba asaba aba JRR kuguma bafatanye munda, ntibahendwe canke bahahamurwe n’amwe mu maronko bahendeshwa na bamwe mu birukanywe muri UPRONA yabo. Nayo ivyashikirijwe na Espoir Bwitonzi icegera ciwe muri JRR, akamenyesha ko bitamutangaje, na rirya ari murwaruka ruhendeshwa amaronko, canke ibindi bidafashe, kugira bakurikire abahemukiye umugambwe.
Umushingwamanza Nitegeka akamesha ko ikimunezera ari uko umuhari wa JRR wifashe neza, kandi ushigikiye indongozi zabo bitoreye, ni ukuvuga Umushingamateka Karori Nditije, hamwe na Varisito Ngayimpenda.
Aristide Nizigire
Messages
27 Ntwarante 2014, 15:39, par Ramadhani
Saba FBI itange detecteur de mensonge, turabe ko Gaston Sindano alias Lagaffe avugisha ukuri, Binub irafise abapolise rutura, reka abe aribo bagira amatohoza !!! Abapolise bongaha turabona ko bararira Concilia na Gaston…JRR imushaka, ntiyorindira gusaba aba JRR, yoha amahera imbonerakure canke igipolisi, Gaston ntiyorara…
27 Ntwarante 2014, 15:45, par Mahirwe.
Jewe narabivuze ati ako kagabo ka Gaston gashaka abo kadendereza none ntubona ko vyabaye.
27 Ntwarante 2014, 17:25, par mukobwajana
ABAKUNZI B INDA NUKO BAHZA ,,ARIKO BATEYE UMUNTU GRENADE IMUGIRA KURYA NABONYE MU MUGONGO WA KA GASTON ARIKO IBIHENZWE ABANA....NATEMBE ARYE UTOBAMUHAYE ARIKO SI IKIRENGA NIKO BAKORA ABA DD ARABAZA NIYOYANKANA,,,,NAREKE ABO BANA BAKURE BAZOKORERE UMUGAMBWE NTUZE WE...KABONEKA NK AGASUMA NIGATAHANE UTWO...
30 Ntwarante 2014, 23:47, par mico
Ramadhani ikibazo amahera yo guha aba police nimbonerakure ntayo mugifise kuva ubutegetsi bubavuyeko namahera yarimutse amahera asigaranye izombonerakure nyene waana
16 Ndamukiza 2014, 07:31, par Alain
Ako ka Gaston Lagaffe ni zambwa imihimbiri nabambuzi Rwagasore yavuga ako bagashatse korara?Manwangari Busokoza Gasutwa na Lionel botumwanya barondera ako kabwa?