Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gaston SINDIMWO : "UPRONA yararenganye ivy’ukwiyunga" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gaston SINDIMWO : "UPRONA yararenganye ivy’ukwiyunga"

Gaston SINDIMWO : "UPRONA yararenganye ivy’ukwiyunga"

vendredi 27 Ntwarante 2015, par Egide N

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko ikibazo c’ukwiyunga n’ishami rya UPRONA rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije, bamaze kukirengana. Gaston SINDIMWO asigura ko badashobora kwiyunga n’abamaze kumenyesha ko bari mu runani RANAC.

Mu gihe abadasigana bo nzego nyobozi z’umugambwe UPRONA mu ntara zitandukanye baheruka kwandikira Conciliya NIBIGIRA umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, bamumenyesha ko bavavanuye nawe kuko adashaka ukwiyunga kw’amashami ya UPRONA, Gaston SINDIMWO, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe amenyesha ko ico kibazo c’ukwiyunga muri UPRONA bamaze kukirengana, ivyo akabivuga yisunze ko iryo shami rya UPRONA ryamaze kuja mu runani RANAC, ahubwo Gaston SINDIMWO agasaba abo bashaka ukwiyunga na Karori NDITIJE ko bomusanga aho yagiye mu runani RANAC.

JPEG - 126.2 ko
Gaston SINDIMWO, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA

Abo badasigana bo nzego nyobozi z’umugambwe UPRONA mu ntara zitandukanye bagiriza kandi Conciliya Nibigira ko atigera yerekana aho ahagaze ku bibazo bihanze igihugu, aho bagatanga akarorero k’ingene ataragira ico ashikirije ku bibazo vy’umurwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga, hamwe n’ukuba mu mvugo yiwe yerekana ko ashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza (aho bagatanga akarorero k’ijambo Conciliya Nibigira akunze kuvuga ati : "TUZOHIGANWA N’UWARIWE WESE.". Gaston SINDIMWO umunyamabanga mukuru wa UPRONA arabeshuza ivyo vyagirizwa umukuru w’umugambwe, akavuga ko ku bibazo vyose bama batanze intererano yabo. "Ku kibazo ca CNTB twarasavye ko ibikorwa vy’uwo murwi vyohagarara mu gihugu cose, kandi ico kibazo nta muntu n’umwe atoba abona ko gihanze abanyagihugu. Ku gusubira kwitoza nakwo kwa Petero Nkurunziza, twasavye ko hubahirizwa ibwirizwa nshingiro. Muri UPRONA ntiduhagarara ku muntu yokwitoza, ahubwo kw’iyubahirizwa ry’ibwirizwa nshingiro, kandi tukemeza ko amasezerano ya Arusha ategekanya ibiringo bibiri vy’ugutwara. Ibijanye n’iy’ububahirizwa ry’ivyo vyose, si igikorwa ca UPRONA kuko hariho inzego zibijejwe.".


Egide Nduwimana

Messages

  • sindimwo uravuzukuri ikibazocukwitoza nihubahirizwe ibwirizwa shingiro urudome kurudome vyanse bitware hari sentare ibijejwe nayo kuja mumayira sumuti kandi abanyagihugu nuwojomereka abatumye ntibamuvuzavcankagiye gupfugwa harira umugore nabana biwe abandi bavugushumunwa nginaveyi bidashoboka canke akihungira akarorero ivyasinduhije nibubarapfunzwe ntawuziki bazovayo nawe arihe barubdi tubemaso ivyakagumavyahitanyebeshi kandi uwabahamagaye ntazimbere ningorane

  • NTIBAGUSAMAZE MUTAMA BIHOZE BIYUNGE NA FNL.
    MWARABOYE UMUGAMBWE WACU NTITUZOBIBAGIRA.
    ABANYWANYI TURAKENGURUKA KANDI KU BWINSHI

  • FESTUS NABO BARIKUMWE NIBO BAGUMYABANGA KUKO NTIBASHAKA GUTA IGIHUGU MW’ISANGANYA. ABARUNDI NITUBE TUMENYA KWUBAHIRIZA AMATEGEKO!!! NI NDE ATAZI AHO ARUSHA YADUKUYE? UWUYIRENGAHIZA NTAKUNDA UBURUNDI. NYAKWUBAHWA UMUKURU W’IGIHUGU NIYUMVE IMPANURO NTAGWE MU MUTEGO DE CES GENERAUX BAGOMBA KUMUTAMWO. SONON CPI IRAMUBONA.

  • ba uraravuta isi irazunguruka nutaba ubizi mbe aho isi ntaco irakwereka ga Gaston jewe nagira urazi ubwenge hiiiiiiiii

  • Ewe Sindimwo uraraba wiyonjorore hakiri kare kuko urabona ko les bottes àlécher zigeze habi !!! Aho wumva wavuze iki?

  • Mbega Gaston yoba agifise abamywanyi koko,canke baramuhezeko.

  • Ndakubwire ga Gaston bac’umugani ngo"UDASHATSE KUB’IMBONEZA UB’IMBUNUZA"

  • jukiw urabanza umenye kwandika ikirundi, ivyo uvuga wewe wunva haraho bifatiye, avuze neza hehe? urya kwariko arasega gusa, noneho naho asega hamuheranye bena consiliya bace baje kwinyegeza. hanyuma ibindi ntubisigure ntavyo uzi banza uje kwishure uce ubwenge umenye gusoma n’ukwandika.

  • Uwo mu type.Gaston ni umucangero,ariko aya aba dd ntaheranwa.urabaza nabandi.bayariye.urateye isoni mwe na Concilie wawe.Ubwana butatavuga ukuri bopfuma babuturira bukavaho.

  • ndababaze umugambwe n uwumuntu canke nuwabanwanyi?ukwiyunga kwa uprona ko hari abavuga ko uprona kwizokwigenga abandi naba nukuza muri ranac mwabo ninde afita ukuri dufatiye kukaranga ka uprona?rp

  • Mbe uyo muhimbiri avugira umugambwe nka nde ? nawe ubwiwe ntiyikwiye ! Consolatrice uwari yihenze akaba umugore wiwe yamutaye kuko ata jambo afise ! none ubu ko yaronse utwo anuranura munyo kwa cndd na consiliya ko ariho yoca aronka ijambo? mbe ko tumuzi ari nsumirinda mu Nyakabiga yaryanye na bene nyina ngo nuko badasangiye ubwoko ubu niho yoba afise ijambo yoshikiriza kw’izina rya UPRONA? ewe UPRONA waragowe ushima waragowe niho n’igihugu catembagaye! kubona umuhimbiri ari muri bamwe RWAGASORE yiyamiriza ariwe awuvugira birababaje caane ! ni naco gituma uyo muhimbiri nyene avuga ko hamwe RWAGASORE yogaruka batomusubiza umugambwe kuko ari za MUJERI ! nta nikindi novuga atari ugushimira umupfasoni Consolatrice we yakize mujeri umuhimbiri nsumirinda kuko yohavuye amurya! Consolatricice ahuri hose Imana ikuje imbere kandi ikugirire neza ! Pole sana !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.