Accueil > Ubutunzi > Ikibazo c’inka zo mu Rukoko kiraraje ishinga abashingamateka
Ikibazo c’inka zo mu Rukoko kiraraje ishinga abashingamateka
samedi 22 Munyonyo 2014
Ikibazo c’inka zo mu Rukoko kiraraje ishinga abatari bake, aho ndetse no mu ngoro y’amakoraniro y’abashingamateka mu Kigobe, ico kibazo cabajijwe umushikiranganji w’umutekano.
Uwakibajije akaba ari umushingamateka Gasutwa Bonaventure, ahiwe akaba yeretse umushikiranganji Nizigama Gaburiyeri ko inka zo mu Rukoko hamwe zoguma zirukanwa zikabuza kunywa amazi, kurisha, hari agahombo kanini ku banyagihugu, kuko hari abari batunzwe n’amata ava muri izo nka, bakayadandaza ndetse akanahembura n’imiryango yabo. Umushikiranganji Nizigama akaba yishura ko izo nka zakuwe aho mu Rukoko ku bw’ikibazo c’umutekano w’abanyagihugu, mu gihe yaba mu ntwaro no mu gisirikare c’igihugu bose bemeza ko hari imirwi y’abasuma izanana mu Rukoko igaheza ikiba imihana y’i Gihanga.
Inka rero zirenga ku bihumbi 10 zikaba zitagira iyo zija niyo ziva, aho aborozi bavuga ko kugeza n’ubu hari zimwe zazimiye bataratora.
Aristide Nizigire
Messages
22 Munyonyo 2014, 17:21, par kiritwara
Baremeza neza ko umutekano ari ijana kwijana none aka kanya abo banyakuntunga barahinduye imvugo?
23 Munyonyo 2014, 07:20, par So
Niyompavu iyobabonye akantukose kokura umutekano kijanakwijana ntibashobora kukihanganira nabusa.