Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gen Bosco Ntaganda yahakanye ivyaha vyose yagirizwa na sentare y’i La (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gen Bosco Ntaganda yahakanye ivyaha vyose yagirizwa na sentare y’i La (...)

Gen Bosco Ntaganda yahakanye ivyaha vyose yagirizwa na sentare y’i La Haye

jeudi 3 Nyakanga 2015

Gen.Bosco Ntaganda yahoze arongoye umurwi w’abarwanyi barwanira mu buseruko bwa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo yahakanye ivyaha vyose yagirizwa na Sentare Mpuzamakungu ikorera i La Haye mu Buholande.

Ku munsi wa mbere w’urubanza Bosco Ntaganda yahakanye ivyaha 13 yagirizwa harimwo,ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu vyakozwe hagati y’umwaka 2002 n’2003 mu karere ka Ituri mu buseruko bwa Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Jean Bosco Ntaganda aragirizwa kandi ubwicanyi bw’abantu ibihumbi 8 no gushira abana ku nguvu mu mirwi y’abarwanyi yari arongoye.Vyitezwe ko abahohotewe bazoshika muri sentare gutanga insiguro.

Umukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha ikorera i La Haye, Fatou Bensouda, yavuze ko umwe mu masura yamenyesheje ko yishikiye ahari abantu bishwe na Gen Bosco Ntaganda asanga harimwo umugore wiwe umwana w’umuhungu n’umukobwa biwe,mu nyuma abona n’abandi.

Fatou Bensouda yasiguye ko Bosco Ntaganda ivyaha vyinshi yabikoze mu ntumbero yo kwigarurira uduce turimwo inzahabu n’ubundi butunzi kama,ariko abikora yisunze ikibi gikomeye.

Gen Bosco Ntaganda yishikanye mu buserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Rwanda,mu mwaka w’2013 inyuma y’aho hasohokeye umutahe mpuzamakungu umuhagarika.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.