Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Général Buhari yatsinze amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Général Buhari yatsinze amatora

Nigeria : Général Buhari yatsinze amatora

mercredi 1er Ndamukiza 2015, par IGIHE

Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi bwahahora, ariwe Général Muhammadu Buhari yatsinze amatora mw’ihiganwa rikomeye ry’ikibanza c’umukuru w’igihugu ca Nigeria.

Umugambwe w’uwo yatsinze amatora uvuga ko umukuru w’igihugu Goodluck Jonathan yamuhamagaye kuri terefone ngendanwa kugira yemere icese ko yatsinzwe kandi amukeze.

JPEG - 27 ko
Gen Buhari yatsinze amatora muri Nigeria

Akaba ari ikintu gikomeye cane muri kahise ka Nigeria, kuko ata na rimwe umukuru w’igihugu asanzwe ari ku butegetsi yari bwatsindwe amatora, kuva Nigeria yikukira mu mwaka w’1960, imbere y’aho hakaba habaye ugutembagaza ubutegetsi akatari gake.

Aya matora yashize ku mugaragaro ubudasa bufatiye ku madini, ivyavuye mu matora bigashobora guharirwa na bamwe kandi haracari ubwoba ko hashobora kuba intureka, naho uwahora ku butegetsi yemanze icese ko yatsinzwe.


Floxella Karire

Messages

  • nibyiza cyane kuko umu presidant adashobora guha abanyagihugu umutekano ntacyo aba abamariye,kuko amahoro niyo nkingi y’iterambere. uyu nawe reka turebe uko azagenza biko haramu yananiye uwo asimbuye.

  • Abagifise ivyiyumviro bibi bifatiye ku madini abo baracari inyuma kuko ubutegetsi iyo bubaye bubi ntimuvyegeke ku dini iri canke ririya kandi ntabari mwi dini iri canke ririya boba bararemwe kugira batware hatwara imigambi mwiza n’ivyiyumviro vyiza bishikina abene gihugu muri kazoza gatunganiriza bose maze umutekano iterambere n’ibindi, n’ibindi. Urakomeza General uheze wereke abagifise ivyiyumviro bifatiye ku madini.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.