Accueil > Amakuru > umutekano > Général Kararuza niwe agiye kuba icegera c’uwurongoye ingabo za (...)
Général Kararuza niwe agiye kuba icegera c’uwurongoye ingabo za MISCA
jeudi 28 Munyonyo 2013
Général de Brigade Athanase kararuza niwe yagenywe kugira abe icegera c’umukuru w’ingabo zigiye gufasha kurondera amahoro muri Centrafrika (Mission Internationale pour le Soutien de la Republique Centrafricaine MISCA, akaba ari agateka ku gihugu c’Uburundi.
Général de Brigade Athanase Kararuza avuga ko Republika ya Centrafrika muri kino gihe atanguye amabanga mu mwanya utoroshe, aho abagwanyi binjiye mu banyagihugu, bakica, bagasambura, eka bagakora n’ayandi marorerwa. Général Kararuza akizera ko azorangura neza amabanga yashinzwe nk’uko igihugu camwizeye ndetse hamwe n’akarere.
- Général de Brigade Athanase kararuza
General Kararuza rero yaraye atewe iryo teka, akaba yavukiye muri komine ya Mugongomanga iri mu ntara ya Bujumbura, ku wa 26 Ruhuhuma mu mwaka w’1960. Yinjiye mw’ishure ry’intwazangabo ISCAM mu mwaka w’1981, aca aheza mu mwaka w’1986, aho yize mu gisata c’ubutunzi muri iyo kaminuza y’intwazangabo. Kararuza akaba ari intwazangabo ikerebutse kandi iciye ubwenge, kuko yize no mu makaminuza atandukanye kandi akomeye nka Ecole de Guerre, National Defense College of Beijing mu gihugu c’Ubushinwa, akaba kandi yaranakurikiranye ivyirwa bikomakomeye vyo gucungera umutekano mu gihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika. Arubatse, akaba afise abana bane.
General Kararuza akaba ashinzwe ayo mabanga mu gihe Ubufaransa bwamenyesheje ku munsi wa kabiri, igenekerezo rya 26 Munyonyo ko bugiye gufasha vyihutirwa muri Centrafrique buterere agacumu k’ubumwe MISCA, akaba ari mu ntumbero yo guhagarika indwano imaze iminsi iba. Amakungu akaba yahamagariye igihugu c’Uburundi n’ibindi bihugu vy’Afrika gufasha guhagarika izo ntambara, amazi atararenga inkombe, aho abaraba ibintu n’ibindi babona ko ico gihugu kiriko cinjira mu bihe vy’ihonyabwoko. Abasirikare b’abarundi bazojanwa aho mu gihugu ca Centrafrika, akaba ari amajana icenda.
Aristide Nizigire, Floxella Karire
Messages
28 Munyonyo 2013, 14:37, par Rita NAHIMANA
FELICITATIONS SHA, UWAKOREYE ABA DD NTACO AZOBURA BAKIRIHO, MUGABO NOKUNZINDI NTWARO NIKOVYARI BIIMEZE.
28 Munyonyo 2013, 16:14, par ko
Congz Mr General! Uze uheshe isura nziza uburundi
28 Munyonyo 2013, 17:32, par Sam
Vive le burundi
28 Munyonyo 2013, 21:41, par Mama
Gen Kararuza, genduteriteka u Burundi na barundi, nkuko Afrika yepfo na Ethiopia nabandi batugiye yagati maze abarundi bakaja Tanzania Arusha bakayaga bahuza kandibatabeshanya ivyovyose nivyobiriko biratuma natwe abarundi tugirumutima wokwifuriza abarimungorane tubona zishaka gusa nkizotwaciyemwo tukarungikayo abantu bogufasha.
29 Munyonyo 2013, 08:04, par Emmanuel
felicitation et courage dans votre prestation.
1er Kigarama 2013, 12:10, par BUKURU Emery
AHO NISAWA NATWE ABARUNDI TUKARONKA AGACIRO MUMAKUNGU TUGAKOMEZA KUBA BARURANGIRANWA