Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Général Kayumba yatewe mu rugo iwe
Général Kayumba yatewe mu rugo iwe
mercredi 5 Ntwarante 2014
Général Kayumba Nyamwasa yahoze ari umukuru w’igisirikare mu gihugu c’Urwanda mu nyuma agahungira mu gihugu ca Afrika y’Epfo, avuga ko yatewe muhira iwe ku murango n’abantu bitwaje inkoho, ariko Imana ikaba yarakinze.
Amakuru dukesha BBC Gahuzamiryango, avuga ko abo bantu binjiye mu rugo iwe, barinjira mu nzu, baramena ibintu vyose, ndetse basiga bamutwaye n’ivyuma vy’inyabwonko. Ayo makuru akaba abandanya amenyesha ko Kayumba Nyamwasa yoba yagiriza Reta y’Urwanda kuba iri inyuma y’ico gitero. Kuri ivyo birego, uwuserukira igihugu c’Urwanda aho muri Afrika y’Epfo, yanse kugira ico ashikirije, we agasaba Kayumba Nyamwasa kwitura ubutungane.
Igiporisi c’i Johanesbourg cemeye ko ico gitero cabaye. Ico giporisi kimenyesha ko kugeza ubu, aho Kayumba Nyamwasa ari acungerewe umutekano, co kimwe n’umuryango wiwe. Ivyo bikaba bije bikurikira, urupfu rwa Patrick Karegeya yishwe muri Nzero, uyo nawe akaba yari yahoze ajejwe igendereza mu gihugu c’Urwanda, inyuma yo guhungira muri Afrika y’Epfo.
IGIHE
Messages
5 Ntwarante 2014, 18:20, par ndunduro
Emwe Ivyo mu Banyarwanda biguma biguma. Reka tubirabishe amaso ariko abazi ko batavuga rumwe n’abandi barakumbura bame bari maso. Kayumba nohanura ko yorondera ubuhungiro mu bihugu vya rutura nayo muri Afurika yepfo ho nabarya bamucunze bazohava barya ruswa bamwiyicire.
5 Ntwarante 2014, 18:20, par ndunduro
Emwe Ivyo mu Banyarwanda biguma biguma. Reka tubirabishe amaso ariko abazi ko batavuga rumwe n’abandi barakumbura bame bari maso. Kayumba nohanura ko yorondera ubuhungiro mu bihugu vya rutura nayo muri Afurika yepfo ho nabarya bamucunze bazohava barya ruswa bamwiyicire.
6 Ntwarante 2014, 03:23, par Mama
Ndabonye ko aba colonel naba general cankenuwariwewese wumusoda ahunze igihugu ciwe akagenda kwibera muma gorofa nomumazumezameza acasuzugurika kandikumwica biroroha gusumba umu colonel canke umu general ndetse numusonda wariwewese uhunga agacayigira mwishamba bacabamutinya. Ariko nubwokubica mvuzeko vyoroshe kubica nibaza kwatariwomuti uramba! abaturanyi ninaba ndabavugiye ibintunabi munyihanganire.
6 Ntwarante 2014, 11:15, par NTIHEBUWAYO ISAÃ
Nuko bigenda iyo muri abagenzi atanakimwe ciza mwiyumvira muguheza, murahezanya. maze imana ikazoraga igihugu abagerageza kuyiyegereza. ngaho nabandi nkamwe bumvireho.
8 Ntwarante 2014, 00:52, par Ntaganda
Iyo utangaje Intambara, uba wemeye kuyirwana. Yatangaje intambara, none rero niyitegure kuyirwana. Ikibazo s’ukuba atuye muri Africa Yepfo, ikibazo nuko yatangaje intambara. Azayirwane rero turebe. Niba uri umunya politike urwanya ubutegyetsi bw’u Rwanda, burwanye muri politike ushingye Ishyaka rya politike, aho nta ngorane. Ariko nutangyira gutera za grenades mu banya gihugu, aho uzaba uri hose, nushaka ube muri America, uzabona ko UMUTEKANO w’u RWANDA uza hejuru na mbere ya byose. Sasa abashaka intambara, muzayibona. Abashaka amahoro, muzayabona.