Accueil > Amakuru > u Burundi > Général Major Godefroid Niyombare yagenwe guserukira Uburundi muri (...)
Général Major Godefroid Niyombare yagenwe guserukira Uburundi muri Kenya
vendredi 21 Ruhuhuma 2014
Abakenguzamateka baremeje ku munsi w’ejo amazina abiri bari barungikiwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Désiré Njiji niwe yagenwe mu mabanga ya buramatari w’intara ya Cankuzo, Général Major Godefroid Niyombare nawe ahabwa amabanga yo guserukira Uburundi mu gihugu ca Kenya.
Ayo mazina yose uko ari abiri, inyuma y’insiguro vy’imyidondora y’abo bantu zatanzwe n’abashikiranganji babiri, uw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’uw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, yaremejwe n’abakenguzamateka 34 kuri 35.
Désiré Njiji yagenwe kuba buramatari w’intara ya Cankuzo yahora akorera mu Cankuzo, mw’ishirahamwe « Food for the Hungry Burundi». yasubiriye mu kibanza c’uwahahora, Jean Berchmas Niragira yaheruka kugenwa mu mabanga yo kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubutare n’agataka.
Izina rya kabiri ryemejwe n’abakenguzamateka ni irya Général-Major Godefroid Niyombare, yahoze arongoye ibiro bikuru vya gisirikare, ubu akaba yakora mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Yahawe amabanga yo guserukira Uburundi mu gihugu ca Kenya. Asubiriye mu kibanza cahoramwo Ezéchiel Nibigira yahawe ubuyobozi bukuru bw’igisata gikurikirana ibikorerwa mu nzuzi, n’ikivuko (Directeur Général de l’Autorité Maritime, Portuaire et Ferroviaire)
- Général Major Godefroid Niyombare
Egide Nduwimana
Messages
21 Ruhuhuma 2014, 11:18, par Nelson
Aho uwo mu general kubaye kumwikura usanga batamwiyumvamwo.
21 Ruhuhuma 2014, 13:30, par Niyodusenga
Hahahahaha zankinamico baramwikuye nabandi barinyuma uwoniwo mukenyuro ugezweho
21 Ruhuhuma 2014, 14:37, par kabizi
Huuum.Ko batarungitse Bunyoni canke Ndakugarika ou Adolphe Nshimirimana?Baramwikuye nyene ntakundi.
21 Ruhuhuma 2014, 17:54, par bavakure
ntaco ntagiye kure ubu niho azumva amerewe neza
21 Ruhuhuma 2014, 18:25, par Muhanuzi
Ko batamugenye mu bihugu nka USA,Canada,Australie bikomeye?None arazi ururimi rw Igishitsi?Azovuga mu Kirundi muri Kenya?
Hanyuma Adolphe azoserukira Uburundi mu Rwanda(hoho biroroshe azokwandika amakete mu Kirundi) hanyuma Bunyoni aje za Buraya hamwe ahora aja gufatira akaruhuko ku buryo bwa Leta be n’umugore n’abana.
22 Ruhuhuma 2014, 20:47, par bosco
ahubwo abantu mutukana mwokwisubirako mukareka gucoza abandi;kuko namwebwe ubumenyi bwanyu ntawuzi ko arikirenga!!!!!!!
23 Ruhuhuma 2014, 00:08, par yaya
Reka basha kuba musakuza!
23 Ruhuhuma 2014, 08:05, par MUKOBWAJANA
Aba dd ni bamwe iyo basubiranyemwo nabo bizobagora bareke..Uyo musoda se ugira ni igitangaza ntaco ashoboye nibabanze baje kwiga ...Nico gituma bakora n importe quoi nta niveau ..Ariko nuwari assistant d universite ashoboy gusa ukwiba n ukwica ,,
24 Ruhuhuma 2014, 09:08, par MUKOBWAJANA
Ariko dd n,umwana yomenya amanyanga yabo erega ngo baratsinze abahutu benshi bari inyuma yabo ntaco batinya ngo nubu basigaje kuharura !!!Erega iterabwoba ku bahutu ba rukoti ryarafashe nubu batanguye kubigisha ko naho itora riba ku karata imwe vyoose tuzoba tubibona ..!!!!Utazotora NKURUNZIZA azimbe yigera ,,,Urumva ako kamaramaza Gihahe depute yatanguye mu Kirundo ,,uharira nabaze mu kirundo i Busoni Kabanga,,,
5 Kigarama 2014, 17:20, par fafa
imana ishimwe biratanguye mur cndd fdd,adolphe ubwo arasinzira canke aramira utwo kurya?ya caisse noir ubu siko bizogenda.najane arya aramaze.president nawe ntamenyegwa.niyombare ntakabi kiwe azohindurwd n’imana ntakore nka adolphe.