Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Geneve: Abanyagihugu bafise ubwoba ku bitero vy’abihevyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Geneve: Abanyagihugu bafise ubwoba ku bitero vy’abihevyi

Geneve: Abanyagihugu bafise ubwoba ku bitero vy’abihevyi

vendredi 11 Kigarama 2015

Igisagara ca Geneve mu gihugu c’Ubuswise kiracunzwe bikomeye kuva kuri uno wa kane igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.

Inyuma y’uko hari amakuru avuzwe ko igisagara ca Geneve gishobora guterwa n’intagondwa z’abaislam,kwinjira no gutembera mu gisagara ca Geneve ntivyoroshe kuko imodoka n’abantu bibanza kugenzurwa neza.

Mu gisagara ca Geneve hibonekeza kandi abapolisi benshi bafise ibirwanisho bikomeye na cane cane ahakorera ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Kuri uno wa kane, ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyari vyimuwe mu ntumbero yo kugira bagenzure neza abantu n’ibintu biri muri ico kibanza.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.