Accueil > Amakuru > u Burundi > Genève : Agateka ka zina muntu mu Burundi karasuzumwa irigira (...)
Genève : Agateka ka zina muntu mu Burundi karasuzumwa irigira kabiri
mercredi 8 Gitugutu 2014
Mu nama y’iminsi ibiri itangura kuri uwu wa gatatu i Genève, urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe agateka ka zina muntu rurasuzuma ku ncuro ya kabiri ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Abazoba bari muri iyo nama barashikiriza amakenga bafise.
Ukwo gusuzuma uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi bikaba bikorwa mu ntumbero yo kwisunga amategeko mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono mu bijanye n’iyubahirizwa rya kiremwa muntu hamwe n’ubwigenge bijanye, Uburundi bugasabwa kwubahiriza ayo masezerano.
Iyo nama ibaye mu gihe mu rwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe agateka ka zina muntu bari bamaze gushikiriza amakenga yabo mu bijanye n’ukugira amanama, agateka k’abana n’ak’abakenyezi, Reta y’Uburundi igasabwa kwisigura.
Egide Nduwimana
Messages
9 Gitugutu 2014, 07:39, par BIZI
NONE KO AMAKUGU AHAGURUTSE AVUGA AGATEKA KAZINAMUNTU MU BURUNDI BANYAKUBAWA NOBO BAGAHONYAGA TUGIYE KUBA ABANDE GAMANA?NYISHURA BARUNDI