Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Gerevasi Rufyikiri ahimiriza abarundi gufungura ivyo barimye
Gerevasi Rufyikiri ahimiriza abarundi gufungura ivyo barimye
lundi 20 Gitugutu 2014
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri ahimiriza abarundi kumenya gufungura neza ivyokurya ngirakamaro, bakijukira kubirima na cane cane imboga, ivyamwa ndetse bagatako bakorora ibitungwa bito bito bakaza baranabifungura. Gurtyo bizotuma bagira amagara meza bashobore no kwisununura mu buzima.
Gerevasi Rufyikiri yabishikirije kuri uno gatanu, mu gihe Uburundi bwari bwifadikanije n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gufungura neza usanzwe uhimbazwa kuwa 16 Gitugutu. Uno mwaka ukaba wahimbajwe ku civugo "Imfungurwa zikwiye kw’isi yose niyo nkingi yo kubaho neza."
- Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu
Ibirori vyo guhimbaza uwo munsi vyabereye mu ntara ya Muramvya .
Gerevasi Rufyikiri yabanje kugendera abarimyi-borozi b’akarorero, yongera abaha n’udushimwe tugizwe n’ibikoresho vyo mu ndimo . Inyuma y’aho, yaciye abandanya aja gutanguza umwaka w’uburimyi w’2014 ushira uw’2015, mu gutera ibitoke n’ibiraya mu murima w’ishure ryisumbuye rya Muramvya.
Ibirori nyamukuru vyagiye kubandaniriza ku kibuga c’inkino caho nyene i Muramvya .
Mw’ijambo ryiwe, Gerevasi Rufyikiri yagize ati : "Dufatiye ku civugo c’uno mwaka, kubaho neza bifatiye ku bintu vyinshi, na cane cane gufungura neza kuko uwafunguye neza agira ingoga agashobora no kwisununura no mu yindi mirimo, kuko mu nda harara inzara hakazinduka inzigo." Yarahaye impanuro zitandukanye abarimyi mu bijanye n’ukwijukira kurima kijambere hamwe no kwijukira twa turima two mu rugo kugira baze barafungurira ibibondo vyabo ivyankenerwa ntibafatwe naza ndwara zifatiye ku gufungura nabi.
Gerevasi yongeye avuga ko n’ubwo ibice 90 kw’ijana vy’abarundi babeshejweho n’uburimyi n’ubworozi, hari ikibazo kinini kuko amatongo yaze, ari naco gituma Reta yafashe imigambi myinshi kugira bagwize umwimbu kuko amafranga Reta ikoresha muri ico gisata yavuye ku bice 2 kw’ijana mu mwaka w’2010 aja ku bice 12 kw’ijana mu mwaka w’2014.
Uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu FAO mu Burundi yari yitavye ivyo birori, nawe akaba yamenyesheje ko iryo shirahamwe rigiye gukora ibishoboka vyose kugira bashigikire indimo zo mu miryango kuko zikenewe cane mu buzima bwa minsi yose na rirya ibice 90 kw’ijana bibeshejweho n’uburimyi mu Burundi. N’aho amatongo yaze, aho mu cigwa cakozwe mu ntara kama za Buyenzi na kirimiro usanga umuryango umwe ufise aho kurima hari munsi y’igice c’ihegitari (0,38 ha), muri FAO bamenyesha ko bafadikanije n’ubushikiranganji bw’uburimyi, bagiye kwiga ingene izo ndimo mu miryango zoshigikirwa gusumvya.
Ibirori vyasozerewe n’ugutanga ubushimwe ku barimyi babaye aba mbere mu kurima neza .
Uwa mbere ku rwego rw’igihugu akaba yabaye uwitwa Ibrahim Barengayabo ava mu ntara ya Karusi yahawe agashimwe kagizwe n’inka zibiri n’ibikoresho vyo mu ndimo, ibiro 50 vy’umuceri, amavuta n’ibindi.
Floxella Karire
Messages
21 Gitugutu 2014, 20:25, par mukobwajana
MU GIHE IMIRIMA YAHEBEWE ABAGORE GUSA NTAKIZOGENDA..JEWE MVUGA NTI TWESE TWIJUKIRE IMIRIMA NKIMWE Y IGIKONI KICHEN GARDENS KUKO MUHIRA HABA AMASHURWE TUTAZI NICO AVUGA NTIBIRI MUMICO YACU ..EGGA NI MBOGA ZOBA AMASHURWE KUBAYAZI...!!!!DUHINDURE INGENDO TURABE IBINDI BIHUGU NKA KENYA..