Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gervais Abayeho:" Reta yashinzwe irakurikije ibwirizwa nshingiro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gervais Abayeho:" Reta yashinzwe irakurikije ibwirizwa nshingiro (...)

Gervais Abayeho:" Reta yashinzwe irakurikije ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha"

mardi 25 Myandagaro 2015

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Gervais Abayeho amenyesha ko Reta nshasha yashinzwe n’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro ari Reta yisunze ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’amasezerano ya Arusha.

Gervais Abayeho avuga ko Reta nshasha igizwe n’abashikiranganji 20,15 bava mu mugambwe CNDD FDD na 5 bava mu runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,kandi ubwoko bwose buserukiwe, n’ibitsina vyose biserukiwe mbere n’amadini n’abagore 6.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko muri iyo Reta igizwe n’abashikiranganji 20,harimwo abahutu 12,abatutsi 8 hamwe n’abakenyezi batandatu bafata ibibanza 30 kw’ijana nkuko biri mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Ku bijanye no kumenya nimba umukuru w’igihugu atahonyanze ibwirizwa nshingiro mu kurenga ku ngingo ya 129,Gervais Abayeho amenyesha ko umukuru w’igihugu afise uburenganzira bwo gushira muri Reta abitavye amatora bose.

Mwomenya ko abashikiranganji batandatu aribo bagarutse muri Reta nshasha,kandi bahora muri Reta irangije ikiringo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ni Hehe Havuga Ko Muri Reta Umukuru W’ Hgihugu Agena Abanyamahanga?

  • Nivyo Gervais kuri wewe ubwenge bwawe niko bubibona mugabo kubandi suko,rero burya umusazi n’umuntu akomeye ubwenge bwabo ntibukora cokimwe.

  • Nivyo Gervais kuri wewe ubwenge bwawe niko bubibona mugabo kubandi suko,rero burya umusazi n’umuntu akomeye ubwenge bwabo ntibukora cokimwe.

  • Kuvakera umukuruwigihugu yishakira ubumwe nicogituma yashimye gusabikanya nabandi , uwuvuzenawe kwatahanditse guhamabanga abanyamahanga abantubose yagemye nabarundi gusa ntamunyamahanga arimwo ariko uwubivuze ashoborakuba arimwawamurwi ujejwe iterambere ryibihuha.

  • ibi turabikengurutse caneee!!! nibashakire igihugu iterambere n’umutekano maze abanyagihugu biteze imbere banateze imbere igihugu cabibarutse naho akimuhana kaza imvura ihise,kandi amakungu atariho uburundi bwobaho.

  • Komere uwumva atabishaka yiyahure nkuko banyan go a bagia biyahure, kandi mumaguru masha Kugira igihugu kivemuriziryane mwicare mukure hiyo masezerano yi Arusha iyo hiyo atuma abanyeporitiki bamwebagomba ivyagusa Arusha yaheranye nuguhagarika intambara umunsi tugena ibwirizwa nshingiro niho tuba twarayasezereye yarataye agaciro none rigiye ingani ngo tuzokwame turongogwa na Arusha gushika gupfa? Tuve ibuzimuzimu tuj"ibuntu kukoarusha bayi by I!!!!!!

  • kuvuga ni ubuntu ntivyishuzwa ivugire.! ngaho tubwire vyibura itegeko rimwe akurikije? uburundi kuva 28-08 nta ndongozi buzaba bafise

  • twebwe turwanira ukuri duhagaze duhagaze muri yeremiya 33.3 Mpamagara ndakwitaba kwereke ivyihishije ni vyikinze nivya maso yawe atari bwabona. twizeye yuko iyo ntambara umwami yesu azoyirangiza. amarira yabi israel bariko bacinyizwa naba nyegiputa babicira na bana babahungu. imna yatumwe moise ngo genda ubabwire ko amarira yabo yaduze arashikira none manukanywe no gutabara. yaramanutse iratabara ibacisha mukiyaga gitukura, ingabo za farawo zihonera mukiyaga namafarasi ni mikogote. ariko ubwoko bw imana burajabuka ikiyaga gitukura. intsinzi y imana iraboneka uko yari ejo niko nuno munsi ni hinduka. imwe yatabara israel niyo ije gutabara nu burundi. barundi ntimwihebure ijisho ry imana ribona vyose kandi ugutwi kw imana kwumva vyose. kimwe gusa imana ya israel ntitsindwa nibigirwa mana vya egiputa.

  • IYONDONGOZI MUZOBA MUFISE NINDE?MKURUNZIZA NTIMURYAKO ,KUMUYEBE TURIKUMWE.

  • @Falcon (Muhirimbiri). Niba udashaka iyi leta iyahure usange Bikomagu mubwami bwa Shetani aho kumoka ngo uravuga wa mupfayongowe.

  • Benshi mu BANYARWANDA twishimiye INTWARO SHYA SHYA Y’ I BURUNDI mukomerezaho maze mujye imbere. Umwanzi wanyu si UMUTUTSI, CYANGWA UMUHUTU OYA OYA muzirinde kugwa mu MUTEGO WA KAGOME wacu mu RWANDA wifuza yuko mwaryana MUZADUKUBITIRE IRIYA MBWA ABAZUNGU BASHYIZE MU GITI ikaba yifuza kuguruka nta MABABA IFITE igenda izunguza gusa UMULIZO... NO KUMOKA
    NKURUNZIZA OYEEEEE............ OYEEEEEEEE IMANA IMUKOMEZE

  • Iyo Mbonye Uwushima Ivyo Leta Y’uburundi Ikora, Nkaraba Igihe Twarwana Ico Twarwanira! Numva Nkoroye Amosozi, Ikibabaje Uyoberwa Uwize , Uwutize Bose N’ibigugu. Mwoshobora Kwerekana Ikintu Peter Yamariye Umuhutu Yarwanira? Ko Mbona Tumaze Imyaka 54 Twikukiye Umuhutu Ageze K’urugero Rwa Combien De % D’évolution Par Rapport Y’umututsi Datawanje Yaramucinyije? Iyo Ndiko Ntembera Muturere Dutandukanye Mbona Abantu Barwaye Imvunja N’amacinya Ari Abahutu. Ico Nokebura Leta Nuko Itorya Ngo Iryame Abari Muri Yo Bose N’abarwanyi Gusa, Tugiye Kwivuma Umwasi Vuba. Mwitegure Barundi Barundikazi Benewacu Twirune Ba Rujongo.

  • Wowe wiyise Hatari, ufite uburwayi bwo mu mutwe kandi uko si ukuvuga uramotse, rero ntawabuza imbwa kumoka. Perezida Kagame wacu umuzanye ute mu bibazo by’Uburundi, ibyo bigaragaza ko uri interahamwe zasize zihekuye u Rwanda, uzasangeyo benewanyu bariyo, ntacyo mwadutwara nakimwe muzakomeza mubunge nka roho mbi mu gihe cyose mugifite uwo muzi w’amacakubiri mwonse mu mashereka y’Ingirwa Leta za Kayibanda na Habyarimana. Ivyo kugukubitira u Rwanda, uko n’ukurota ku manywa, kdi ngo utabusya abwita ubumera, muzapime mwirebere.

  • Nicogituma Mutama Président yarahiye,abafise inguvu zisumba iza leta ntangure ayihenure,canke arahuruze Préident.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.