Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ghana: Abarenga 150 barapfuye bahitanywe n’umuriro n’umwuzurira
Ghana: Abarenga 150 barapfuye bahitanywe n’umuriro n’umwuzurira
samedi 6 Ruheshi 2015
Abantu barenga 150 barapfuye bahitanywe n’umuriro wadutse mu gituro badandarizamwo igitoro,abandi bahitanwa n’umwuzurira ku wa gatatu igenekerezo rya 3 Ruheshi,ku murwa mukuru wa Ghana Accra.
Francis Obeng ajejwe gukurikiranira hafi ibiza muri Croix Rouge
mu gihugu ca Ghana,amenyesha ko hejuru y’abarenga 150 bitavye Imana,abandi 60 bajanywe mu bitaro,aho bariko baravurirwa.
Inyuma y’ivyo vyabaye,umukuru w’igihugu ca Ghana John Dramani Mahama yamenyesheje ko ivyabaye ari ikiza aca atera umukono kw’itegeko rishinga ikigandaro c’iminsi itatu mu gihugu cose,kuva kuwa mbere igenekerezo rya 8 Ruheshi.
Francis Obeng yamenyesheje ko abitanga abamaze gushika muri ico gihugu gufasha aho batanga ibikoresho ku bataye izabo canke abakozweko n’ico kiza,muri abo harimwo ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho iterambere PNUD.
Ku ruhande rw’igipolisi,umuvugizi waco Arthur Cepas yavuze ko ibintu biriko birasubira mu buryo,ko bariko barakingira ibintu n’abantu,kandi ko bariko barakora ibishoboka kugira ibishobora gufasha mu matohoza ntibizimangane.
IGIHE
Messages
6 Ruheshi 2015, 12:04, par Emmanuel.
Ubwo none uwo muriro woba wavuye kuki?kuburyo hashobora gupfa abantu bangana gutyo.nimudutohorez mutubwire inkuru imeze neza.
6 Ruheshi 2015, 14:02, par Bucumi
Isi igeze kure nuko tutabibona mugabo turi kwiherezo. Ibihe vyanyuma vyavuzwe nivyo vyibi. Hasigaye umuriro uzotibuka uvuye mw’ijuru. Ntaho mwumvise ngo imvura yaraguye irwana n’ifi? Twihane dutunganye inzira y’uhoraho.
6 Ruheshi 2015, 15:17, par Niyibizi Gerard
Ntibitangaje Caneturi Mugihecanyuma Umuriro Kwica Abantubanganagutyo? Yesu Kora Igikorwa Abantutwarushe