Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ghana: Umukuru w’igihugu mushasha yarahiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ghana: Umukuru w’igihugu mushasha yarahiye

Ghana: Umukuru w’igihugu mushasha yarahiye

lundi 7 Nzero 2013

Umukuru w’igihugu mushasha wa Ghana, John Dramini Mahama, yarahiriye kurongora ico gihugu mu birori vyitabwe n’ibihumbi vy’abantu ku murwa mukuru Accra.

Mahama yatsinze bitamworoheye mu kwezi guheze, aronka amajwi ari hejuru gatoyi ya mirongo itanu kw’ijana.

Umugambwe mukuru mu yitavuga rumwe na Reta, NPP, wanse kwitaba ibirori vy’uno munsi ukavuga ko ufise ibimenyetso vy’uko amatora yibwe.

Uwo mugambwe ubu uramaze gushikiriza urubanza muri sentare.

Ariko indorerezi z’ayo matora, ziramaze kumenyesha ko yabaye ku mugaragaro kandi ko ata karenganyo kayagaragayemwo.

Reta ya Ghana ivuga ko kuba hitavye abakuru b’ibihugu vya Afirika bashika 11, harimwo abakuru ba Nigeria na Afirika y’epfo, ngo vyerekana ko bashigikiye ivyavuye mu matora.


Grâce Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.