Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Giggs yongereje umwaka wo gukinira Manchester United - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Giggs yongereje umwaka wo gukinira Manchester United

Giggs yongereje umwaka wo gukinira Manchester United

vendredi 1er Ntwarante 2013

Umukinyi wo hagati ava mu gihugu ca Galles akinira umurwi Manchester United m’Ubwongereza yongereje ikiringo co gukinira uwo murwi,ikiringo c’umwaka kizohera mu kwezi kwa Ruheshi umwaka wa 2014,akazoba arenza imyaka 40 y’amavuka.

Nk’uko amakuru ava mu murwi wa Manchester abimenyesha,uwo mukinyi Giggs yakwije imyaka 39 mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze,yatanguye gukina umupira w’amaguru akinira umurwi wa Manchester United afise imyaka 17.

Giggs amaze gukina amahiganwa 23 nk’umukinyi yabigize umwuga ayo masezerano mashasha yateyeko umukono azotuma akina ihiganwa rya 24 ry’Ubwongereza.

JPEG - 7.5 ko

Kuri uno wa gatandatu ashobora kuzokina urukino rugira 1000 akina nk’umukinyi yabigize unwuga, nka hamwe yokina mu rukinio ruzobahuza na Norwich,urukino ruzobera I Old Trafford ku kibuga c’umurwi wiwe.

Giggs yavuze ko anezerewe cane kubona akina na cane cane kuba hari ico azanira umurwi wiwe.Yavuze kandi ko anezerejwe no kubona yongereje ikiringo co gukinira umurwi uriko urasiganwa urondera gutahana igikombe c’ihiganwa ry’uno mwaka m’Ubwongereza.

Tubibutseko ko mu gihe umurwi Manchester United yotwara igikombe c’uno mwaka,vyoba bibaye ku ncuro ya 13.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.