Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gihanga : Ibijori vyaratwaye imitima abana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Gihanga : Ibijori vyaratwaye imitima abana

Gihanga : Ibijori vyaratwaye imitima abana

lundi 5 Rusama 2014

Muri komine ya Gihanga rumwe mu rwaruka usanga ruriko ruraroba ivyo bita ibijori mu myonga itandukanye, ivyo bakabigira mu gihe abandi bana baba bari ku mashure.

Ibijori ni indagara canke ifi zikiri nto. Abo bana na bamwe mu bariko barakura, ubasanga bariko barabiroba mu myonga, aho bimwe baca babijana kubidandaza mu babanyi, canke ibindi navyo, bakabijana muhira ku bifungura. Ivyo bijori nk’uko bamwe mu mvukira z’i Gihanga babivuga, vyoba bica utuzeze abana, na cane cane ko bamwe babirovye, baca baronka amafaranga bamaze kubidandaza, bagaheza bakabona ko urukiza ari mu nzuzi canke mu myonga.

Mukamenya ko iyo komine ya Gihanga, ifise imyonga itari mike na cane cane ko hasanzwe hanarimwa igiterwa c’umuceri. Abavyeyi baremeza ko ibijori vyabatwariye imitima abana, aho usanga bigumira muri iyo myonga, mbere n’ishure ryabo, bakariguza n’ivyo bijori.


Aristide Nizigire

Messages

  • Kuvy’ukuri biratey agahinda ariko poritike nayo ibifisemwo uruhara

  • Jewe nk’umunyeshure amaze amashure yisumbuye nosaba leta y’igihugu cacu gushira mu minwe ikibazo c’abanyeshure kuko bazohava basanga barengewe n’ibitigiri vy’abanyeshure baza muri kaminuza!!!!!!! None ko twebwe tumaze umwaka muhira,mwumva bene wacu bobo bari muri secondaire bitazobagora kubandanya amashure yabo?????? Leta yitonde izokwibuka kuyora yasheshe mbese n’urwaruka rwahevye amashure kuko rubona ko ataho ruriko ruraja!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.