IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gihosha: Abanyagihugu basabwa kwijukira ibikorwa

Gihosha: Abanyagihugu basabwa kwijukira ibikorwa

lundi 10 Ruheshi 2013

Inyuma y’indwi aronse igashimwe kitiriwe « Umuyobozi mu bikorwa vy’iterambere muri Afrika, ikiringo c’umwaka w’2008-2013 » mu nama yahuje ibihugu vya Afrika n’Ubuyapani, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarongerereje ishaka mu bikorwa rusangi yakoze mu gitondo c’uwa gatandatu igenerekerezo rya 8 Ruheshi 2013, ari kumwe n’abanyagihugu bo muri komine Gihosha mu gisagara ca Bujumbura.

Abanyagihugu bo muri komine Gihosha bakaba bari bitavye ivyo bikorwa vyo gusasa amabuye mu masomero y’amashure nshingiro ya Gasenyi ya kabiri azugururwa mu kwezi kwa Nyakanga 2013.

Abanyagihugu bo mu Gihosha bakaba bamenyesheje ko bafise intumbero zibiri : kugira ibikorwa vy’iterambere ivyabo no kwerekana ko bashigikiye Sebarundi yateye iteka Uburundi n’abarundi mu gutahana agashimwe kitiriwe « Umuyobozi mu bikorwa vy’iterambere muri Afrika 2008-2013 » nk’uko kandi vyamenyeshejwe na Vianney Rukanura, musitanteri wa komine Gishosha.

Kubwa musitanteri Rukanura, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ni akarorero mu kwitanga mu bikorwa, abarundi bari bakwiye kumwigirako kugira bashike kw’iterambere n’ubwigenge nyakuri biciye mw’iterambere rusangi.


Mariella Bukuru

Messages

  • Ariko haracariho abanyagihugu batarumva ibijanye n’isuku, aho muri Gihosha rural, quartier Muyaga (aho benshi bazi kw’izina ryo mu Gisandema), abantu bubahuka bagasesa mw’ibarabara amazi anuka yakoreshejwe mu Gikoni. uwuhaciye (ku kabarabara ka kabiri uvuye ku kararo uja vers Gasenyi). akabarabara kononekaye birateye isoni. Abajejwe intwaro bobihagurukira ubundi umuntu ahaca apfunze umunwa kubera umunuko!!!!!!!Igitangaje haba aba intellectuels!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.