Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Gihosha : "Abanyagihugu batatanze intererano ntamabarabara bazoronswa"
Gihosha : "Abanyagihugu batatanze intererano ntamabarabara bazoronswa"
jeudi 9 Nzero 2014
Amabarabara amwe amwe yo muri komine ya Gihosha mu gisagara ca Bujumbura yakozwe haraciye igihe kitari gito, abanyagihugu bakaba baratanze amafaranga kugira amabarabara yabo ya kijambere akorwe nk’ahandi. Aho rero, abanyagihugu batatanze intererano, bakaba bataronkejwe ayo mabarabara.
Umugambi wo gukora amabarabara ya Gikungu ya Kabiri ukaba uraba amabarabara ashika kuri atanu nk’ayitwa avenue des Hypopotames, Nyarugongo, Misugi, Rubanga na Kigira, nk’uko bivugwa na Languide Harerimana umukuru wa Gikungu ya kabiri. Ivyo bikorwa bikaba bimaze igihe bitanguye, kuva ku wa 26 Kigarama umwaka w’2013. Umupfasoni Languide Harerimana akavuga ko imiryango yanse gutanga intererano, itaronkejwe amabarabara meza. Ayo mabarabara nayo akaba ari nka Muyinga, Musave, Mutsinda, Ngozi I na Ngozi II. Amabarabara yaho, akaba azokorwa kuyindi ncuro, ari ukwo naho nyene bakurikije amasezerano.
Amafaranga asabwa ku muhana ku muhana kugira baronswe ibarabara rya kijambere, akaba ari amafaranga ibihumbi 45000. Imihana nayo yatevye kuriha ayo mafaranga ikaba yaciye irihishwa ayangana ibihumbi 80 kuko ifaranga ry’Uburundi ryagumye rita agaciro.
Aristide Nizigire