IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihosha : Umunyamahanga yagandaguwe arashwe

Gihosha : Umunyamahanga yagandaguwe arashwe

vendredi 15 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umutekano warahungabanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane muri zone Gihosha, ahagandaguwe umunyamahanga yarashwe amasasu menshi aca yitaba Imana.

Umuntu yitwaje inkoho niwe yakoze ubwo bwicanyi bwabereye ku rugo rwo mu Gihosha. Uwo muntu yitwaje inkoho yategetse ku nguvu umunyezamu yugurura imiryango y’urwo rugo kumwugururira, aca ashikira uwo yariko ararondera amurasa amasasu menshi, ayo masasu akaba yarahitanye n’uwundi mwana yari ku ruhande.

Uwo muntu yasanze abantu bateramye abonye uwo yariko ararondera aca amurasa amasasu menshi.

Uwo yishwe ni umunyamahanga, ku rupapuro rw’inzira rwiwe, handitsweko ko avuka mu Rwanda, i Cangugu, ariko ico gitabu c’inzira akaba yakironkeye muri Mozambique.

Igiporisi kikaba caciye gita muri yompi abantu batandatu ku mvo z’amatohoza. Abo bafashwe akaba ari abanyagihugu baba muri urwo rugo rwagandaguriwemwo uwo muntu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.