IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gisyo : Abakora ubuzi bw’ubushurashuzi baragisibije

Gisyo : Abakora ubuzi bw’ubushurashuzi baragisibije

samedi 1er Munyonyo 2014

Uretse ubusuma bumaze iminsi bubangamiye quartier ya Gisyo muri komine ya Kanyosha, abigeme bakora ubuzi bw’ubushurashuzi nabo baragisibije nk’uko bivugwa n’umukuru w’iyo quartier.

Joseph Hakizimana umukuru w’iyo quartier avuga ko ubusuma mu mazu bwari bugisibije, abanyagihugu bafashe ingingo yo kugira amarodo kugira batuze abo basuma bateza umutekano muke. Ubwo busuma bukaba bwari bugeze ahantu atajoro ryashobora kwijana hatibwe umuhana.

Ariko nk’uko Hakizimana abandanya abishikiriza, inzoga zitemewe n’amategeko hamwe na bamwe mu bagore n’inkumi basigaye badandaza umubiri bakaba bagisibije rwose aho mu Gisyo. Uwo arongoye quartier, akaba yavuze ko benshi muri abo badandaza umubri usanga bava mu ntara za Kayanza na Kirundo.

Uwo mukuru akavuga ko bigoye gutuza uwo mwuga w’ubushurashuzi ku bantu bamaze kuwufata, agasaba ahubwo ko hojaho itegeko ryo gutuza uwo mwuga, canke hakaba ahazwi hakorerwa uwo mwuga, abo bantu bakareka kurangurira uwo mwuga wabo hagati muri quartier.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.