IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega: Abagendesha ama beni baranegura inyifato y’abapolisi

Gitega: Abagendesha ama beni baranegura inyifato y’abapolisi

lundi 15 Ndamukiza 2013

Abagendesha imiduga y’amabeni itwara umusenyi,amatafari be n’urucekebuye baridoga kuba batozwa amahadabu y’umurengera n’igipolisi kijejwe gukinga impanuka muntara ya Gitega.Abo bagendesha iyo miduga baremeza ko, bakorera ama tagisi be n’amahadabu na cane cane ko igitoro cazimvye n’ivyuma vy’imiduga.

Aho iyo imiduga ipakira yari ihagaze muri aka gatondo,nta muntu n’umwe yaza kuyikota,si uko hari habuze umusenyi,amatafari canke urucekebuyebuye,ahubwo hari habuze abaza gukota iyo miduga ngo baje kwizanira ibikoresho vyo kubaka amazu.

Abashora amatafari n’ibindi mu ntara ya Gitega ,baremeza ko badashobora gukota izo beni kuko zipakira amatafari make kukutagira ama karisori.
Igitituma rero,igipolisi kijejwe gukinga impanuka, gitegeka kutarenza ibidandazwa bipakirwa nizo modokari. Abo bapolisi bakwiragiye hose ahapakirwa nahaca izo modokari.

Kubwabo bapolisi baravuga ko ,imodoka yose ibwirizwa kurihira uko ihaciye ama faranga 5.000 y’amarundi iyo yarengeje imirongo itandatu y’amatafari.
Bati ayo mahadabu atagira ifatiro ntitugira aho tuyahungira, badusanga aho dupakirira naho dupakururira bakaraba ko ngo tutarengeje imirongo itandatu yabo kumatafari.Kubwivyo,banyene ama modoka hamwe n’abazi kota,baja hamwe bagatanga amafaranga kugira ntibaze barahagarikwa ngo batozwe ama hadabu yaburiko barenganye,muraheza mukagenda kumvikana n’abapolisi ayo muza kuriha imbere yo gupakira ataraho naho uba wikwegeye ingorane nabo.

Abatwara izo modokari eka n’abazikota bati ayo mategeko abo bapolisi bisunga ntagira ifatiro,kuko nya mategeko nyene ntazwi n’ababarongoye.kubwa OPP1 Rojeri Nahishakiye arongoye akarere muvyo gukinga impanuka muntara ya Gitega, aremeza ko atarazi ivyivyo bivugwa, ati sinzi aho bakura ayo mategeko kuko imirongo itandatu kumatafari ntibisiguritse na cane cane ko amatafari yose atanganya uburebure.Abandanya avuga ko ata nama nimwe yigeze ihaba ngo hafatwe izo ngingo, aremeza ko ubwo ari ubusuma bweruye kandi ararahira akarengwa ko umupolisi wese azofatwa muri ayo manyanga ko azohanwa bimwe bishimishije.

Abo bagendesha izo modokari barangiza bavuga ko bigenzwa n’abapolisi bo mu mabarabara kugira babasabe amafaranga,bati naho woba ata kosa urimwo bo bararigushiramwo ukagenda utanze n’amafaranga 2.000,basaba ko mu maguru masha boronswa amateko mashasha agenga amabarabara kugira ako kigenzo barabe ko kohagarara.

OPP1 Nahishakiye amenyesha muguheraheza ko abo banyagihugu bomwitura, bakadoma urutoke kubakora ayo makosa ,bagaheza bagahanwa hakurikijwe amategeko canke bagakorera hamwe kugira abakora ivyo bahanwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.