Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Abanywanyi ba MSD ntibashima ingingo boba barafatiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gitega : Abanywanyi ba MSD ntibashima ingingo boba barafatiwe

Gitega : Abanywanyi ba MSD ntibashima ingingo boba barafatiwe

samedi 10 Rusama 2014

Abanywanyi b’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega batekewe n’ubwoba buva ku makuru bumvise ko abajejwe umutekano bahawe itegeko ko aho bazobona abanywanyi babiri canke barenga b’uwo mugambwe ko bazoca batabwa muri yompi kuko bazoba bari mu nama itemewe n’amategeko. Mu giporisi barabeshuza ayo makuru.

Kuva aho umukuru w’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega, Epitace Nshimirimana afatiwe agatabwa muri yompi, haciye hatangura kuvugwa muri iyo ntara amakuru ko mu giporisi bahawe itegeko ryo gufata abanywanyi ba MSD bazobona bakoraniye mu kibanza kimwe ari babiri canke barenga, kuko bazoba bari mu nama y’umugambwe itemewe n’amategeko. Nk’uko abo banywanyi babimenyesha, iyo ngingo yoba yafashwe kubera mu giporisi biyumvira ko abanywanyi ba MSD bagirira inama mu turwi, inyuma y’aho umugambwe wabo ufatiwe ibihano vyo kumara amezi ane udatunganya ibikorwa. Mu gihe ivyo bavuga vyoba arivyo, abo banywanyi bavuga ko ataho vyoba bitandukaniye n’ukubaka ubwenegihugu, kuko ata tegeko ribuza abantu babiri canke barenga kuba bahagararanye.

Mu giporisi mu ntara ya Gitega barabeshuza ayo makuru, bakavuga ko iyo ngingo itigeze ifatwa, n’ibivugwa ko abo banywanyi ba MSD bagenderezwa aho bari hose atarivyo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Hanyuma mukabesha ngo IBurundi haba justice canke human right?None ko kwita UMURUNDI birutwa no kuba atagihugu ufise uri iwanyu mwebwe mubona atari akamaramaza?Ahandi kuba umwenegihugu bituma umuntu yumva yishimye naho IBurundi ho kuba umurundi ukarutwa n’abanyamahanga uburenganzira??ABARUNDI n’imburabwenge koko bigeze iyo?

  • Erega bavuga ko<Nul n’est sensé ignorer la loi>banke canke bareke,ntawupinga itegeko.ubaye kagarara naho<INYANKA KUBWIGWA IBWIGWA NUKO AMASO ATUKUYE>

  • Icombona mwokworoha mwiyimisi musanabitegura kurondera uyundi mukuru wumugambwe wanyu kandinimwiyorosha wosanga murarose umukuru wumugambwe azigucunga ururimirwiwe mukarebako mwovyura ubuyanja ariko sindabizi, eregantimugirikibazo kuri reta, nyabuna abarundi bagenzibanyu bisabwako muduhumuriza kuko uwarumukuru wumugambwe wanyu yaraye adushavuje twebwabarundi bataribake kugezanaho nabari aba MSD BIBABABAZA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.