Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Abapfungwa 51 barekuwe vy’agateganyo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Abapfungwa 51 barekuwe vy’agateganyo

Gitega : Abapfungwa 51 barekuwe vy’agateganyo

dimanche 2 Ntwarante 2014

Umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye yararekuye abapfungwa 51 mw’ibohero rikuru ry’i Gitega, mu ntumbero y’umugambi w’ugutanga ikigongwe c’agateganyo, mu kugabanya ibitigiri vy’abanyororo vyarenze urugero muma bohero nka yose yo mu gihugu c’Uburundi.

Pascal Barandagiye, umushikiranganji yamenyesheje ko abo banyororo 51 bapfunguwe mu mugambi w’ubushiranganji bw’ubutungane wo gutanga ikigongwe c’agateganyo kugira batezurire amabohero arimwo abapfungwa benshi kurusha abashobora kwakirwa n’amabohero.
Kubw’umushikiranganji Pascal Barandagiye, bahisemwo gutangurira kuri iryo bohero rikuru ry’i Gitega kubera ariryo bohero ririmwo abapfungwa bigenjeje neza kurusha abandi, kandi ari naryo ripfungiwemwo abanyororo benshi barenze abategerezwa kuba bahari.
Ibohero rikuru ry’i Gitega ripfungiwemwo abanyororo igihumbi n’amajana atatu na batandatu (1306), mu gihe ritategerezwa kurenza abanyororo amajana ane gusa (400)

Pascal Barandagiye yibukije ko ubushikiranganji arongoye bugiye kubandanya ibikorwa nk’ivyo no mu yandi mabohero yose y’igihugu c’Uburundi. Muri ubwo bushikiranganji bakaba kandi bamenyesha ko bagiye gushira mu ngiro kuva muri uku kwezi kwa Ntwarante 2014, ingingo bafashe yo guhindurira abaciriwe umunyororo w’imyaka ibiri, kandi bakoze ivyaha bibayabaye, kugira bashobore gukora bidegemvya ibikorwa vy’iterambere rusangi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Yakoze ariko igitigiri ni gito caane ugereranije n’abasigayeyo. None yotubwira ukuntu bazoshobora kugaruka ku majana ane?

  • urazakarenganyo kuwomushikiranganji barandagiy,aho agomba arekuze aba DD kwamatora yegereje ugirango i buja ho ntibitwara neza wosangariwabo.naturekurire,BAMVUGINYUMVIRA,HUSSEN L,na FUNDI,wotohoza neza abo wosanga batarenganijwe.

  • DDD MUZOTSINDWA IJANA KWIJANA MWANKE CANKE MUREKE MWIPFAKO
    EHE MBIGISHE UBURYO RADJABU, FREDERIC , NABANDI REKURE BIDEGNVYE NABARUNDI BOSE BADENDEREJWE AHO TURIJKUMWE NCA MFASHA PROPAGANDE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.