Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Ibikorwa vy’ihuriro ry’urwaruka vyasozerewe bumvikanye (...)
Gitega : Ibikorwa vy’ihuriro ry’urwaruka vyasozerewe bumvikanye ivyokorwa
vendredi 20 Kigarama 2013
Ibikorwa vy’ihuriro ry’urwaruka rwo mu Burundi vyateguwe na Fontaine Isoko vyarabandanije ejo kuwa kane, ku munsi ugira kabiri. Mu ntara ya Gitega aho vyariko birabera, mu gice ca mbere c’umunsi, hatanzwe icirwa ku bijanye n’ubuhinga bwo gusaba ihindurwa ry’ingingo zifatwa, abo zega batagishijwe inama. Icirwa ca kabiri catanzwe ku vyerekeye ingingo zimwe zohinduka mw’ibwizwa shingiro kugira urwaruka narwo ruronke ijambo.
Christian Ngendahimana, mu cirwa ca mbere « technique du plaidoyer », yasiguye ingene umuntu yosaba ihindurwa ry’ingingo zafashe atagishijwe inama, kandi izo ngingo zatowe kubwiwe. Yerekanye igicapo kibisigura neza kandi ivyo bigasabwa mu nzira nziza. Muri izo nzira, yavuze ko ubwa mbere umuntu yobanza kumenya aho ingorane iri mu gihe itegeko kanaka ryotorwa. Kubera hari igihe bitokunda ko umuntu ari wenyene ashobora kurondera abamufasha, abo bashobora kuba ari amashirahamwe adakiranira inyungu za poritike canke iyindi mirwi. Uburyo bwo gusaba ihinduka ry’ingingo, burasaba amahera. Aho rero bisaba ko uwo muntu arondera abamufasha mu vy’uburyo kugira ashobore kugirisha amanama menshi kugira yumvishe abandi ico ashaka gushikako.
Icirwa ca Christian Ngendahimana cari gifise intumbero yo kwereka urwaruka inzira rushobora gucamwo mu gihe hotorwa canke hagafatwa ingingo zirwerekeye rutagishwe inama nk’uko bikunze kwibonekeza.
Icirwa ca kabiri catanzwe na Deus Ndihokubwayo. Mu cirwa ciwe, yerekanye ingingo zimwe zimwe bipfuza ko zohinduka mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi kugira urwaruka ruronke aho rutangira ivyiyumviro, rwongere ruje mu bafata ingingo, narirya hari inama yo guhanahana ivyiyumviro hagati y’abanyeporitike kw’ihinyanyurwa rya zimwe mu ngingo ziri mw’ibwirizwa shingiro.
Deus yerekanye zimwe mu ngingo zohinduka. Aha yatanze akarorero k’ingingo za 32, 52, 138, 164, 180, 265, 268. Nk’ingingo ya 32 y’ibwirizwa shingiro ivuga ku vyerekeye uburenganzira bwo gushinga amashirahamwe. Kuri iyo ngingo, abo mu murwi Groupe de Reflexion usanzwe urongowe na Ndihokubwayo Deus, basanze iyo ngingo yohinyanyurwa, maze Reta igashiramwo uburyo n’ubuhinga kugira ayo mashirahamwe y’urwaruka ashobore gukora, atere imbere.
Ingingo ya 268, ivuga abagize amanama mpanuzwajambo ku rwego rw’igihugu, ariko urwaruka nta kibanza rufisemwo, aho basaba ko mw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro n’izo ngingo bozisubiramwo.
Inyuma y’ivyo vyirwa hakwirikiye ibikorwa vyo mu mirwi, aho imirwi yiga intambamyi zibangamiye urwaruka rw’Uburundi. Muri izo, harimwo ubushomeri, kutaronka aho urwaruka rutangira ivyiyumviro, irwirirana ry’abantu, kutihanganiranira no gutwarwa n’ivyiyumviro vy’abanyaporike. Abakoreye mu mirwi batanze ivyiyumviro vyofasha kugira urwaruka rushobore kuva muri izo ngorane.
Cherif Nkeshimana