Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Isukari yasubiriye kuba umuzi w’ibuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Isukari yasubiriye kuba umuzi w’ibuye

Gitega : Isukari yasubiriye kuba umuzi w’ibuye

dimanche 3 Munyonyo 2013

Abanyagihugu bo mu ntara ya Gitega bamenyesha ko kurondera isukari bisigaye bifatwa nk’ukurondera umuzi w’ibuye. Isukari yasubiriye kubura muri iyo ntara, aho ibonetse naho ikagurwa ku giciro c’umurengera kirengeye icashizwe na Reta.

Iminsi itandatu iraheze isukari yabuze mu ntara ya Gitega. Abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi bayirondera aho isanzwe igurishirizwa bamenyesha ko itakiboneka. Aho ishoboye kuboneka bayigura amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi bibiri n’ibihumbi bibiri n’amajana atanu, mu gihe igiciro cashinzwe na Reta ari amafaranga y’amarundi igihumbi n’amajana umunani na mirongo itanu.

Abasanzwe badandaza isukari muri iyo ntara bamenyesha ko ico giciro c’isukari bakiduza kubera nabo bayironka ku giciro c’umurengera. Umufuko w’isukari usanzwe ugurwa amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi ijana n’ibihumbi ijana na bibiri mu gihe igiciro kizwi ku mufuko ari ibihumbi mirongo umunani n’icenda n’amajana atanu mu mafaranga y’amarundi (89500FBU)

Imyidogo rero ni yose ku banyagihugu basanzwe bikora kuri ico kidandazwa, kuko batumva ingene iyo sukari iduzwa kandi mw’ishirahamwe rihingura isukari, SOSUMO (Societé Sucrière du Moso) badahengeshanya kumenyesha ko umwimbu wifashe neza. Abavyeyi bafise abana bato, hamwe n’amashure afise uburaro niyo mirwi y’ababangamiwe cane kurusha abandi, bakaba basaba ko Reta ko yokurikiranira hafi ico kibazo, kigatorerwa inyishu mu maguru masha.

Butoyi Hussein, arogoye zone Gitega, akaba asanzwe ari mu bakora intonde z’abadandaza baronswa isukari amenyesha ko ikibazo kiri ku shirahamwe SOSUMO ryagabanije incuro ryahora rizana iyo sukari mu ntara ya Gitega. Uwo arongoye zone Gitega, Butoyi Hussein amenyesha kuva mu kwezi kwa Ndamukiza, ishirahamwe SOSUMO risigaye ritanga isukari rimwe gusa mu kwezi, mu gihe abadandaza bahora bayironswa kabiri mu kwezi. Butoyi Hussein araremesha abo banyagihugu ko vuba cane bagiye kugirana ibiganiro n’ishirahamwe SOSUMO, basabe ko incuro iyo ntara ironswa isukari zokwongerezwa kugira abanyagihugu ntibasubire kuyibura.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.