Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Rwembe yabuze umuntu bituma atitaba ubutungane
Gitega : Rwembe yabuze umuntu bituma atitaba ubutungane
vendredi 17 Nzero 2014
Michel Nurweze batazira Rwembe ntiyabaye akirenguka mu butungane, mu gihe uwumuburanira yaciye yandikira ikete sentare amenyesha ko uwo aburanira yahuye n’ingorane, abura umuntu mu muryango wiwe.
Ivyo rero bikaba bitanezereye uwuserukira Reta muri urwo rubanza, aho we n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike babona ko iyo ari intumbero yo gushaka kuguma bigiza urubanza inyuma, kugira rube rurateba mu gihe yategerezwa kurenguka kuri uyu wa 16 Nzero uwu mwaka w’2014. Michel Nurweze batazira Rwembe, akaba yagirizwa ivyaha birimwo kuzimanganya ubuzima bw’umunyagihugu wo mu mugambwe MSD Leandre Bukuru, yishwe urw’agashinyaguro, umutwe wiwe bakawutora mu kazu ka surwumwe, mu gihe ibindi bihimba vyiwe vyari vyafubwe mu bindi bibanza.
Rwembe kandi aragirizwa ko hari n’abandi bantu yashatse kwica aho nyene mu ntara ya Gitega, ariko Imana irakinga bararusimba. Ukwo kurungikira ikete rero sentare avuga ko yabuze umuntu mu muryango wiwe bigatuma adashobora kurenguka, bamwe bakabibonamwo nk’urwenge kugira urubanza rugume rwigizwa imbere, mu gihe muri iryo kete yandikiye sentare, atigeze asigura neza uwo yabuze, ubucuti bari bafitaniye. Rwembe rero akaba yaciye asabwa gusubira kurenguka kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza uwu mwaka w’2014 i Gitega.
Urwo rubanza rukaba rwari rwitabwe n’abanyagihugu isinzi, naho batashe bababaye, kubona uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igiporisi mu ntara ya Gitega atarengutse, kugira intahe imwokere ku vyaha abo banyagihugu bavuga ko yakoreye inzirakarengane zitandukanye.
Aristide Nizigire
Messages
17 Nzero 2014, 10:06, par tharcisse
Ariko none i vyo birabatangaza ga yemwe!mbentimuziko ubwo butungane bwaho murico gihugu cacu bukorera mukwaha kwaba DD!urwo ntiruzigera rucika ataruko reta ihindutse,mbe ko inkozi yikibi iba iri mugasho bayiyegereje wewe yoba apfunzwe?ariko inzirakarengane nka bamvuginyumvira ,hussein radjabu nabandi umutahe wo kubafata usohoka aruko bagejejwemwibohero.abanyagihugu niduhagurukire hamwe twiyamirize iyo ntwaro yagacinyizo.
22 Nzero 2014, 19:30, par KIRINYOTA
Ivyo bavyita motif. Niyitabe aryozwe nabo yaryogeje bari abantu. Nuko ata butungane buhari nyene.
24 Nzero 2014, 06:23, par Kabizi
Emwe, abamenyeshamakuru muracaronse akazi!Muribagiye le Colonel Bangirinama yatwara camp Mukoni!Ubu ari hehe?Ko ikiziga gisa n’ikindi,ababivuze bari hehe?
Ewe Burundi waragowe
24 Nzero 2014, 06:26, par Kamara
Muradushirirako ifoto ya Rwembe niyo namubona nzokwigize imishatsi yanje kure ntahave ayogosha!Numvise ngo arogosha ubuzima bw’abantu!