Accueil > Ibidukikije > Gitega : Umugambi wo gukingira inzuzi wazaniye akarusho abanyagihugu
Gitega : Umugambi wo gukingira inzuzi wazaniye akarusho abanyagihugu
samedi 3 Nzero 2015
Hari umugambi wo gukingira ibiyaga n’inzuzi zisuka mu kiyaga ca Victoriya uriko ufashwa n’ishirahamwe ”LVEMPII”.
Uwo mugambi ukaba uriko ufasha mu gutera ibiti ku nkengera z’ibiyaga nka Rweru, hamwe n’inzuzi Ruvyironza hamwe na Ruvubu. Uwo mugambi wa ”LVEMPII” rero ukaba waramaze gushika mu Burundi mu ntara zimwe zimwe, aho abarongozi bavuga ko abanyagihugu bahatorera akoyokwe, mu kwigisha abanyagihugu uko bokingira isi ndimwa. Uwo mugambi w’iryo shirahamwe rero ukaba ukengurukwa n’abatware bo mu ntara ya Gitega, aho bavuga ko ivyo bikorwa vyo gukingira inkengera z’inzuzi canke z’ikiyaga vyazaniye akamaro kanini abanyagihugu.
Umwe mu batwere bo muri komine ya Makebuko mu ntara ya Gitega, akavuga ko umugambi wo gutera ibiti hamwe n’ivyatsi bikinga inkukura vyagabanije ubukene mu banyagihugu kuko iyo bakora ibikorwa bene ivyo, bituma umwimbu wiyongera maze n’uwahora yiyumvira kwiba abitumwe n’ubukene akabivamwo. Eka n’imanza z’ubusuma zibaye nke rero nabo baraheza bakoroherwa mu kazi bigatuma barangura iyindi migambi y’iterambere.
Aristide Nizigire