Accueil > Amakuru > Poritike > Gitega : Umugambwe MSD ubandanya kwidogera abajejwe intwaro
Gitega : Umugambwe MSD ubandanya kwidogera abajejwe intwaro
mercredi 1er Gitugutu 2014
Abarongoye umugambwe MSD mu ntara ya Gitega bamenyesha ko batangazwa n’ukubona igihe c’amatora cegereje, ariko bakama babuzwa kwegera abanywanyi babo.
Mu kiganiro Epithace Nshimirimana umukuru w’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, avuga ko mu makomine yose y’intara ya Gitega bama bariko baraburagizwa, akavuga ko ibiherutse kuba muri komine ya Buraza vyo vyabaye bishasha, aho umukuru wa zone ya Buraza yazananye n’Imbonerakure za CNDD FDD, akaza kwirukana abari mu mugambwe MSD, bariko baragirira inama mu yindi zone.
Amenyesha ko akajagari kose kadutse gushika aho, abanywanyi b’umugambwe MSD bakomereka co kimwe n’Imbonerakure za CNDD FDD, vyose vyavuye kuri uwo mukuru wa zone ya Buraza, yaje gutera indwano muri zone ya Butezi, ashika aha amategeko abaporisi gushika n’aho afata ingingo yo kwaduka abo mu mugambwe MSD bakabakubita. Amenyesha ko ako kajagari kariko karaba batabaje yaba buramatari w’intara ya Gitega, musitanteri wa komine Buraza ndetse n’uwutwara igiporisi ariko ntibatabarwa. Epithace Nshimirimana akavuga ko babujijwe kugira inama mu gihe umugambwe CNDD FDD wo wariko uragira inama kandi utanakomwakomwe.
Abandanya avuga ko ivyo biriko biraba bitazobaca inkokora, niyaba Reta ishima ko bazoza barakorera mu kajagari, bazobandanya uko, ariko akavuga ko amatora bazoyitaba ukuri kwamye.
Aristide Nizigire