Accueil > Amagara y’abantu > Gitega : Umwigeme bakuyemwo imisumari n’intsinga mw’ibere
Gitega : Umwigeme bakuyemwo imisumari n’intsinga mw’ibere
mardi 14 Nzero 2014
Igikorwa co kugaba abantu, ni ibanga rikomeye mu gisata c’ubuvuzi na cane cane ko ari n’igikorwa kitoroshe rimwe na rimwe gukora.
Mu ntara ya Gitega haraye hibonekeje ibisigabwenge bitari bwaboneke mu gisata c’ukubaga abantu mu Burundi. Kuri uyu wa mbere wa 13 Nzero 2014, hari umwigeme babaze ibere bamukuramwo ivyuma.
Niyongere Serafina, ni umwigeme w’imyaka 22 avuka ku musozi wa Magamba, komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro. Yagize ingorane yo mw’ibere bisaba ko abarwa. Umuryango ubibonye yaciye ajanwa kwa muganga, ari naho yaciye arungikwa mu bitaro bikuru vyo mu ntara ya Gitega kugira abagwe.
Bariko baramubaga, basanze mw’ibere ryiwe harimwo imisumari indwi y’irabura cane, amagorori atatu hamwe n’udutsinga tubiri. Abaganga bariko baramubaga, muri ako kanya babibonye vyarabasize ubwenge, ariko baca barihutira kubimuvanamwo.
Abaganga b’abanyamahanga babaze Serafina bakaba baciye bavuga ko inyuma y’aho Serafina aboneye ibimuvuye mw’ibere yaciye ata ubwenge gushika ubu. Ariko, umubikira Françoise asanzwe arongoye ivyo bitaro akaba nawe yaciye abeshuza, avuga ko ivyo guta ubwenge kwa Serafina inyuma yo kubarwa atarivyo, akavuga ko ahubwo ari muzima kandi ko ata ngorane zindi yagize.
Serafina ati : "Jewe igihe nabona ibere ryanje rivyimvye, sinigeze nibaza ko hoba harimwo imisumari canke intsinga. Mbonye ivyo bakuyemwo sinatahuye!"
Abatari bake bakavuga ko yoba ari uburozi kuko ataho vyari bwaboneke aho umuntu ashobora kuba yovamwo ivyuma mu mubiri.
Mwomenya ko atari ubwa mbere habaye ibisigabwenge nk’ivyo kuri ivyo bitaro vy’i Gitega, kuko mu mwaka w’2012, hibonekeje umukenyezi yibarutse umwana apfunze utugozi mu maguru.
Mariella Bukuru
Messages
15 Nzero 2014, 03:48, par Niyomugisha
Reka rero jewe ndababarire ayo niboneye aho muri ubwo Burundi bwacu: Abakera bivugira ngo « uwutaraburogwa yama agira ngo yoburogwa yobunya ». Jewe ngira ntamuntu yapinga ivyo bita uburozi n’abapfumu nkanje gushika niboneyeko. Muri Novembre 1996, narafashwe ndagwara ariko nagira ngo ni malaria (ubona kwikaze hiyo !); ndashuha; ndaremba. Ndafata imiti ya malaria biranka gose. Ndihereza Imana kuko narumva ko imisi yanje igiye gukwira. Hari abahungu baraho bagize bati no gupfa arapfuye bafata inderuzo sinzi iyo bantwaye kure ngize uku nsaga bantwaye mu bitaro vy’umuvuzi w’ikirundi (ku mu pfumu en bon terme !). Nahamaze près de 2 semaines. Uyo muntu yarankuyemwo ibintu vyinshi (je vous épargne de ces saletés !) harimwo n’ibicupacupa binini ! Ntaco nasubiye kuronka mvuga. Nahise ntora mitende, ndariha amahera 1000 Francs Bu, nca nditahira nkomeye ! Gushika n’ubu nyene je n’ai rien compris et je sais que je ne comprendrai jamais ce qui s’est passé. Aho iwacu i Burundi hariho ibibazo vyinshi bitagira inyishu !! Uyo murwayi nawe ndamwipfurije kuroranirwa.
15 Nzero 2014, 16:35, par grebuco@gmail.com
mbe abo basazi baroga ntiboroga abatunze amafranga bagafasha ibihugu bikenye ko ari abahinga!!!Barakagorwa ,,urazi ko dufise des gens inutiles bazi kuroga gusa....
15 Nzero 2014, 16:35, par grebuco@gmail.com
mbe abo basazi baroga ntiboroga abatunze amafranga bagafasha ibihugu bikenye ko ari abahinga!!!Barakagorwa ,,urazi ko dufise des gens inutiles bazi kuroga gusa....
17 Nzero 2014, 05:39, par ciza
mwahora muvuga ngo ni mu RUYIGI baroga gusa ngira muranyuzwe!Abanya RUYIGI mutwifatira mugahanga ngo turi abarozi murumva ko biri hose mu gihugu?Imisuko mushiki wacu warahuye ni imbunuza z’imburakimazi.
18 Nzero 2014, 09:15, par nininahazwe espérance
Je nohanura umuntu wese ashikiwe nivyo vyago ko yoja kwa muganga nkuko mwenewacu yagenjeje hama agasenga kuko ivyo ni ibidayimoni kandi yesu yarabitsinze.kandi inzoka ya mose yamize izindi z’abanyamareba.abarozi nabo ni bahebe izo ngeso mbi bijukire ibikorwa vy’iterambere..kuko ingero
y’’icaha n’urupfu.
1er Kigarama 2015, 20:55, par Eric
Bizohera