IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Giteranyi : Abanyagihugu batewe impungenge n’imiravyo iza irasasika (...)

Giteranyi : Abanyagihugu batewe impungenge n’imiravyo iza irasasika inganda

lundi 17 Ruhuhuma 2014

Muri komine ya Giteranyi mu ntara ya Muyinga, imvura yari imaze iminsi igwa, uretse ko yononye imwe mu mirima, bamwe mu banyagihugu barakubiswe n’inkuba baritaba Imana, eka n’ibitungwa bikaba bitahasigaye.

Mu mvura yaguye mu ndwi iheze, inkuba ikaba yarakubise impene y’uwitwa Mazoya aba aho bita mu Gasenyi ica irapfa. Inkuba ikaba kandi yaheruka gukubita umupfasoni umwe aho nyene mu Gasenyi aca aritaba Imana, mu gihe abandi bakomeretse. No mu bindi bice vy’iyo komine isanzwe ihana urubibe n’ibihugu vy’Urwanda na Tanzaniya, mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’Uburundi, inkuba ntizisiba kwiha inkumbi, kuko n’ahandi bita mu Bibungo, inyuma y’indwi iheze, umugore n’umugabo barakubiswe n’inkuba, baca baritaba Imana.

Bamwe mu banyagihugu baho muri komine ya Giteranyi mu ntara ya Muyinga, bavuga ko akavura gatanguye gutonyanga baca biterera aho baryama, kuko batabona ukundi umuntu yoheza akikingira inkuba ntimuhitane, mu gihe muri iki gihe, inkuba irabije, itabura ico ihitana. Bamwe rero muri abo banyagihugu, bibaza ko uwambaye agasipi kirabura ku kuboko inkuba itagukubita, ariko ivyo bikaba atanahamwe vyemezwa ko ariwo muti. Gusa, ikizwi ko kizira, akaba ari kugama mu nsi y’ibiti mu gihe imvura iba iriko iragwa, canke kwugama munsi y’amabuye, kuko inkuba ishobora kugukubita.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.