Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Giteranyi : Amabendera y’umugambwe Uprona aguma yibwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Giteranyi : Amabendera y’umugambwe Uprona aguma yibwa

Giteranyi : Amabendera y’umugambwe Uprona aguma yibwa

jeudi 12 Kigarama 2013

Abarongoye umugambwe w’Abadasigana Uprona mu ntara ya Muyinga barababajwe n’inyuruzwa ry’amabendera y’umugambwe wabo, aho muri iyi minsi bisa n’ivyimonogoje, mu makomine nka yose y’iyo ntara.

Ku bwa Olivier Nkurunziza arongoye Uprona mu ntara ya Muyinga, avuga ko amabendera y’umugambwe Uprona amaze kwibwa muri iyo ntara atagira ukwo angana, ndetse ahanini akayagiriza imbonerakure zo mu mugambwe CNDD FDD. Olivier Nkurunziza umukuru w’uyo mugambwe, avuga ko iriheruka kwibwa, ari iryari muri komine ya Giteranyi. Iryo bendera ry’umugambwe wa Rwagasore, akavuga ko abaritwaye ari imbonerakure za CNDD FDD, nk’uko n’abanyagihugu b’aho mu micungararo yo ku Kizungu aho ryibiwe bavyemeza.

Umukuru w’umugambwe Uprona mu ntara ya Muyinga, akabona ako ari agasomborotso bagirirwa n’abari mu mugambwe CNDD FDD. Asaba ko amabendera y’umugambwe wabo yokwubahirizwa aho ari, akareka kuguma yibwa atacamira.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abobenegihugu bomu Giteranyi Kukizungu Ivyobavuze ntanakimwe bimariye impandezose kiretse gushaka kubaryanishagusa, mutigute? murumvakobavugako amabendera yumugambwe UPRONA yatwawe nimbonerakure, Ariko ivyontibisigurako bavuzeneza kuribene mugambwe watwariwe amabendera, yobashakakwerekana kobasha kugiriraneza benumugambwe barikuvugango twarababonye mbonerakure zimanura ayomabendera hanyumatwarabibwiye abajejwe intwaro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.