Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Giteranyi : Imbibe nshasha hagati y’Uburundi na Tanzaniya ziteye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Giteranyi : Imbibe nshasha hagati y’Uburundi na Tanzaniya ziteye (...)

Giteranyi : Imbibe nshasha hagati y’Uburundi na Tanzaniya ziteye amakenga

samedi 17 Rusama 2014

Ibimenyetso bishasha biriko birashingwa vyerekana ahaca urubibe hagati y’Uburundi n’igihugu ca Tanzaniya birateye amakenga abanyagihugu bo muri komine ya Giteranyi, co kimwe n’ab’i Mugoma mu gihugu ca Tanzaniya.

Nk’uko twavyiboneye, aho, abanyagihugu yaba abarundi canke abatanzaniya bavuga ko ariho bari bazi ko haca imbibe haraheze imyaka, ubu hamwe usanga hagiye i Burundi, ahandi ugasanga hinjiye muri Tanzaniya, ndetse imwe mu mirima canke amazu y’abarundi, bikaba vyaraninjiye muri Tanzaniya muri ivyo, vy’ugushinga imbibe, eka n’agasoko k’aho bita mw’i Bambo mu gihugu ca Tanzaniya kinjiye i Burundi.

Kuri ivyo, buramatari w’intara ya Muyinga Ildephonse Ntawunkunda, avuga ko ivyo bikorwa biriko bigirwa n’umurwi uhurikiyemwo bose, yaba abarundi hamwe n’abatanzaniya. Tukabamenyesha ko bamwe mu babuze imirima yabo, canke amazu yabo muri ivyo bikorwa kugeza ubu, bavuga ko bataramenya aho bashobora kuzitura kugira bashumbushwe, mu gihe mu gihugu ca Tanzaniya bivugwa ko uwuzobura itongo, canke ikindi muri ivyo bikorwa, azoronswa amafaranga yo gushumbushwa, canke bakamuha ikindi kintu kinganya agaciro n’ivyo yabuze.


Aristide Nizigire

Messages

  • Igikuru nukovyakozwe kubwumvikane bwibihugu vyompi, ariko harihikintu niyumviriye, nagira ahohari hasanzwe ari Burundi hakaba hegukiye Tanzania niho Tanzania izocishingira muguha barya baribasanzwe baba ahegukiye i Burundi? Nabarundi gurtyo ariko murambabarira ivyontavyonzobereyemwo ariko amahirwe turabafise kumpande zompi mu Burundi na Tanzania abahinga babishoboye kandi turabizeye bazotunganiriza abenebihugu vyabo vyompi.

  • Gurisha ico gihugu nakare ntimwagikunda sinzi nigituma mwiyita abarundi .

  • rekera abo twitoreye bakore kandi turabizeye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.