Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Giteranyi : Umuti wokubuza abagabo kurenga ibigo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Giteranyi : Umuti wokubuza abagabo kurenga ibigo

Giteranyi : Umuti wokubuza abagabo kurenga ibigo

lundi 12 Rusama 2014

Bamwe mu bakenyezi bo muri komine ya Giteranyi intara ya Muyinga, bavuga ko ubu batoye umuti utuma abashingantahe babo bataja kurondera abandi bagore hanze. Uwo muti nawo, akaba ari ibiyago bigishwa kuyagira abagabo babo mu gihe c’ukurangura amabanga y’abubatse.

Mu kiganiro bamwe muri abo bakenyezi bahaye ikinyamakuru IGIHE mu gatondo ko kuri uyu wa 12 Rusama uyu mwaka, bakaba bavuze ko utujambo twiza bahora batinya kubarira abashingantahe babo mu bihe bariko bararangura amabanga y’abubatse, ubu badatinya bivanye n’ukuba bari baraboshwe n’ugutinya kuyaga n’abashingantahe babo mu kwibohera mu mico ya kera yakumira umwana w’umwigeme. Abo bakenyezi bakamenyesha ko inyigisho bahabwa n’abaremeshakiyago, zibafasha kwubaka neza, ndetse bakavuga ko bahamenyeye vyinshi batari bazi, ndetse bakamenya na bimwe mu bikorwa borangurira abagabo babo, vyotuma badasubira guharikwa, hamwe no kwama bababazwa n’uko abo bubakanye barenze ibigo.

Nijimbere Furaha, umwe mu baremeshakiyago bo muri iyo komine ya Giteranyi, avuga ko kuva mu mwaka w’1996 ariko aratanga inyigisho z’uko abakenyezi boyaga n’abashingantahe babo ku bijanye n’amabanga y’abubatse, vyatumye ingo nyinshi zimenya ivyo zitari zizi, bica bituma uguharika, ukurenga ibigo bihera.

Ariko avuga ko impinga ikiri ndende, kuko hari bamwe mu bakenyezi barahira bakarengwa ko batoshobora kwubahuka bakayagira abasghingantahe babo, uko bokwipfuza ko amabanga y’urugo arangurwa, benshi muri abo batinya akaba ari abamaze kugera mu zabukuru, babona ko boba bariko barata imico y’abasokuru. Furaha Nijimbere akamenyesha ariko ko, uwutosora ifuku yamiza akatsi mu jisho, kuko adahengeshanya kubarira bamwe mu bakenyezi baba bayaze, ko bambaye ikirezi ariko batabona ko cera, ari naco gituma bakwiye kuva ibuzimu bakaja ibuntu, bakareka gupfana ubwoba mu biyago bikingira urugo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Gerageza ugendere intara zose!

  • Abantu bomu Giteranyi ukondahumva ahobazojijukira ahandi mugihugu hazoba hasigaye ari Bulaya, kukonumva ngonumuntuwaho yize acahitamwo kuhaheba ngokubera arimpera y’Isi!!!

  • Emwe si ukuvuga ivyarivyo vyose bizobuza abarenga ibigo kubirenga, harenga ingeso. Mbe none iyo abo bagabo bagiye kurenga ibigo, iyo bagiye barababwira utwo tujambo? iyaba aritwo barondera baba babibwira abo bubakanye bati nifuza uku na kuriya, ntibobanza kuja kubirondera hanze. Ni kuki iyo bashonje basaba ivyo kurya?Ibindi babuzwa niki kubivuga bati wogira nka naka? Yesu wenyene niwe ahaza umuntu muri vyose, ni bakire Yesu abagabe abaganze, yuzuze inzara n’inyota.

  • Nimugerageze muze murabigisha ariko mutibagiye no kwigisha abagabo. Abarundi baracari injiji kubera imico ya kera yo kwicisha bugufi. Ni nayo mpamvu u Burundi butazigera butera imbere vuba.

  • kubiganirako singaye,bukeye bwaho uwo mugabo ntikizobuzwako akwengwetana nuwundi mugre canke inkumi!Mugtanda niho hacirwa imanza zabubakanye?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.