Accueil > Amakuru > u Burundi > Godeliève Nininahazwe yatanguye amabanga y’umushikiranganji wo gufatana mu (...)
Godeliève Nininahazwe yatanguye amabanga y’umushikiranganji wo gufatana mu nda
lundi 15 Kigarama 2014
Godelieve Nininahazwe, aherutse kugenwa mu kibanza c’umushikiranganji wo gufata mu nda, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, yarahiye icese imbere y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka kuri uwu wa mbere.
- Godeliève Nininahazwe, umushikiranganji wo gufatana mu nda, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira
Mu gatondo ko kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 15 Kigarama 2014, umupfasoni Godelieve Nininahazwe yagenwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/288 ryo kw’igenekerezo rya 10 Kigarama 2014, mu mabanga y’umushikiranganji wo gufata mu nda, agateka ka zina muntu n’iterambere rudakumira, niho yarahira icese ko atanguye amabanga aheruka gushingwa. Afashe n’ukuboko kw’ibubamfu ibendera ry’Uburundi n’iryubumwe, umupfasoni Godelieve Nininahazwe, adugije ukuboko kw’iburyo, yarahiye imbere y’umukuru w’igihugu, aho yiyemeza kwubahiriza ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, gukorera igihugu mu gutsimbataza amahoro hamwe no guharanira agateka ka zina muntu.
Mukamenya ko uwo mushikiranganji Godelieve Nininahazwe, asubiriye mu kibanza cahoramwo umupfasoni Clotilde Niragira aherutse kugenwa nk’umunyamabanga w’umurwi wo kumenya ukuri no gusubiza hamwe (CVR). Ivyo birori bikaba vyari vyitabwe n’abanyecubahiro batandukanye, aho tukavuga icegera ca mbere c’umukuru w’Igihugu, icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, umuhuza w’abarundi, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka.
Alida Sabiteka
Messages
16 Kigarama 2014, 06:36, par So
Ndagukeje kand’Imana izokomeze kubananawe mwayomabanga mushikirizwe yigihugu cacu (canyu)
16 Kigarama 2014, 12:25, par mukobwajana
EGO URASANGWA UBUKURU..UTABIZI YOGIRA NI ITERAMBERE KU BAKENYEZI..WAPI AMA DD NABANDI BOOSE BABIGIRA KUGUTINYA ONU NA UE NTA KINDI KUKO NTA JAMBO,NTA GIHINDUKA MU MATEKA Y ABAKENYEZI KUKO ABO NI INGWIZAMURONGO NTA KINTU,,,CANKE BABA ARI BA SOMAMBIKE ,INCUTI N IBINDI MURI BINO BIHUGU VYACU....!!!!NTACO MVUZE
17 Kigarama 2014, 10:29, par UWIKUNDA CHOUCHOU
NI VYIZA ARIKO IKIBABAJE NUKO IYO MURONSE AMABANGA NKAYO MUTIBUKA AHO IMANA IBAKUYE MUKACA MUTANGURA KUGIRA INGESO MBI NKO GUSAMBANA .GUSUZUGURA UWO MWUBAKANYE.KUGAYA UWO MWUBAKANYE.UKIBAGIRA KO IGIHE MWAKUNDANA KO WAMUHISEMWO MU BANDI BENSHI.URIYUBARA MUGENZI URAZIKO UKUNDITSE VRAIMENT