Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaganga 96% boba bifashisha Google mu kazi kabo ka minsi yose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Abaganga 96% boba bifashisha Google mu kazi kabo ka minsi yose

Abaganga 96% boba bifashisha Google mu kazi kabo ka minsi yose

vendredi 26 Ndamukiza 2013

Ubushakashatsi buvuga ko abaganga bagera kuri 96 kw’ijana bifashisha ubuhinga ngurukanabumenyi "google" mu gihe co gusuzuma abarwayi, bitandukanye n’abarwayi bo boba babushakako amakuru yobafasha mu burwayi bwabo.

Abarwayi bakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi igihe bariko barakekereza ku buzima bwabo.
Abandi bakoresha ubwo buhinga ni abaganga abo twita aba jeneraliste (les médecins généralistes) abagera kuri 96 kw’ijana nabo bayikoresha mu kurondera amakuru mu gihe basuzuma abarwayi.

Mu cegeranyo cashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2013 n’ikigo citwa “Listening Pharma” ndetse na “Agence de communication Hopscth Digital”, cerekana ko igitigiri kinini c’abaganga bifashisha inyabwonko y’ubushakashatsi kugira ngo baronke amakuru ahagije yobafasha mu kazi kabo, ibi ngo bibafasha cane cane mu gihe co gusuzuma.
Ikindi kandi n’uko bayungukirako ubumenyi bushasha ku bigezweho mu mwuga wabo aho abagera kuri 25 kw’ijana muri bo bayikoresha incuro nyinshi ku munsi.

Béatrice Chamla, umukuru wa Listening Pharma avuga ko abaganga benshi bakoresha imihora y’ubuhinga ngurukanabumenyi cane cane iz’ubuzima ariko bikaba bitandukanye n’abarwayi bo bayikoresha bashaka amakuru yerekeranye n’ubuzima bwabo bwite.

Ku ruhande rw’abarwayi usanga imihora baraba ataho ihuriye n’iy’abaganga kuko bo bakunda kuja kuri za Wikipedia aho usanga ari gake baraba imihora ngurukanabumenyi y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu canke iy’amashirahamwe mpuzamakungu yitaho ubuzima (OMS).

Ku bijanye n’ubushakashatsi ku ndwara z’ivyaduka, kansere iza kw’ isonga n’abantu bangana umuriyoni umwe n’igice bagizweko amatohoza n’ ubushakashatsi ku kwezi, hagakurikira ikiza ruhonyanganda SIDA, indwara y’igisukari ndetse n’indwara yo kwigunga. Ibibazo vyo mu mutwe na vyo biri mu bigirwako ubushakashatsi cane.

Mu gihe bigaragara ko ibice 80 kw’ijana vy’ibiganiro bifatiye ku magara vyibanda ku mibereho y’abantu, ingingo z’ingenzi zikunze kuvugwa zikaba ari: ukwitabwaho, urupfu ndetse no gukira. Mu gihe c’ivyo biganiro, inyabwonko iba nk’isoko y’amakuru nyayo ku buzima bw’abarwayi mu gihe ku baganga ho usanga ari ibice11 kw’ijana nk’uko abashakashatsi babigaragaza kandi bakabisigura.


Aristide Nizigire

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.