Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Google yemeye ko muri uyu mwaka amarori yitwa google glass azotangura (...)
Google yemeye ko muri uyu mwaka amarori yitwa google glass azotangura gukoreshwa
jeudi 28 Ruhuhuma 2013
Sergey Brin umwe mubashizeho google yavugiye muri Leta ya Californiya kuri uyu wa gatatu ko amarori ariko ama camera na internet yo ku buhinga bukomeye azogurishwa ku mugaragaro muri uyu mwaka.
Google yari yategekanije gukora urwo rudandazwa mu mwaka w’2014 ariko umushingantahe Brin yemereye mu nama yitwa TED i Long Beach mu gisagara ca Los Angeles ko amarori ya google bita google glass azogurishwa uyu mwaka inyuma y’ibikorwa vyakozwe nabakorerabushake vyo kuyagerageza.
Ayo marori akoranye na camera ihanitse ariko n’aka micro gashobora gufata amajwi bikaba bishobora gukorana na internet biciye kuri wifi na bluetooth, utuyo dutoyi turi harya barabira tuzotuma umuntu ashobora kubona ubutumwa bamwandikiye.
Umushingantahe Brin yaragerageje gusigura ivyiza ayo marori azanye ati :« Bizofasha abaguzi kutarushwa n’amatelephone ngendanwa « nshahuzi » ndetse n’inyifato mibi ayo matelefone yateza mu kibano.
Ivyo yaravyerekaniye imbere y’abari aho akoresheje smartphone yiwe aho yasomye ama e-mails yiwe yerekana ingene iyo uriko urakoresha telefone utitaho abo muri kumwe.
Nico gituma yavuze ko ayo marori ya google azoha umwidegemvyo amaso n’amaboko y’abantu mu gihe bagomba kuba k’umurongo wa internet aho bari hose ataco birengagije. Arongera ati :
« Nico gituma twashize ako ka kayo gatoyi musi y’aho umuntu acisha mu kuraba kugirango ubutumwa buje abubone vuba, wambaye inkofero( casque) ico kiyo kizoba kiri ku kiyo ntikizoba aho ucisha mu kuraba nayo ijwi uzoryumva biciye mw’igufa ry’agakomokomo. Mu ntago bizoba bisa nibiteye ubuyega ariko buke buke muzobimenyera.»
Yarerekanye ko za smartphone rimwe na rimwe zisamaza abantu ntunashobore no kugira ikindi ukora mu gihe uriko urayikoresha ati : « Jewe amarori Google glass yaranyeretse uruhande runini rw’ubuzima bwanje nahora mara nta umwanya mu gusoma ama e-mails kuja ku mirongo itandukanye ya internet. »
Abahizi bipfuza kuba aba mbere mugukoresha ubwo buhinga bushasha mu gihe butaratangura gukora barahawe ikaze kuva kuri uyu wa gatatu baze bibangikanije ama dollari 1.500.,ariko Brin amenyesha ko google glass zizogurishwa ku giciro kiri musi y’amadollari 1500.
Sylvere Bavumiragiye