Accueil > Ubutunzi > Gucukura ubutare ata burenganzira birabujijwe
Gucukura ubutare ata burenganzira birabujijwe
samedi 2 Ruhuhuma 2013
Kuva kuri uno wa kane gushika kuw gatanu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma umwaka w’2013, ishirahamwe mpuzamakungu ry’akarere k’ibiyaga binini ryaratunganije inama ku bijanye no gucukura ubutare.
Nk’uko amakuru dukesha mugenzi wacu akorera insamirizi y’igihugu abimenyesha,iyo nama yakoranye mu ntumbero yo kwihweza icokorwa kugirango icukurwa ry’ubutare ridakurikije amategeko rihagarikwe.
Muri iyo ntumbero nyene haciye hafatwa ingingo ko kizira kikaziririzwa gucukura ubutare ata burenganzira.
Tubamenyeshe ko iyo nama yabere mu makomine ya Bukinanyana na Mabayi yo mu ntara ya Cibitoke.
Mugisha Van Naris