Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gufungura inyama vyotuma tugira amagara meza? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Gufungura inyama vyotuma tugira amagara meza?

Gufungura inyama vyotuma tugira amagara meza?

mardi 16 Mukakaro 2013

Inyama ziri mu mfungurwa ndema mubiri. Ni imfungurwa zituma amagufa akomera, akubaka ibihimba vy’umubiri.

N’igihe ivyunyunyu vya nsanganyangaburo na ntanganguvu biheze mu mubiri, ivyunyunyu vya ndema mubiri birashobora kubandanya vyonyene kwubaka umubiri. Ariko rero, kurya bavuga ko « ata mwonga ubura isato iba idahizwe », inyama zirashobora kugirira ingaruka mbi amagara y’abantu. Nk’akarorero, hari indwara zimaze gutorwa n’ababinonosoye, zivugwa ko ziba zatewe no gufungura inyama nyinshi. Izo nazo ni nka : goutte, indwara z’imirindi y’amaraso kubw’ibinure biba vyazibiye imitsi, n’izindi.

Mu bwoko bw’inyama buhari, hari inyama zitukura n’izera.
Inyama zitukura bazagiriza kuba zifise ibinure vyinshi vyonona amagara yacu. Abantu bagaca bahitamwo gufungura inyama zera zitagira ibinure vyinshi murizo.

Muti none, itandukaniro ry’inyama zera n’izitukura ni irihe ?

Itandukanirizo ry’inyama zitukura n’izera, n’uko inyama zitukura ziva mu bikoko bifise udukoti tw’imitsi yikwega, ifise ivyunyunyu vyinshi muri fer n’umwuka wa oxygene, ari navyo bica bituma inyama zigira iryo bara. Izo nazo, twozisanga mu nka, impene,..

Inyama zera nazo ziva mu bikoko binyaruka aho imitsi yavyo idakeneye umwuka wa oxygene kugira ikore. (Inkoko, imbata, ifi,…) Ngaho rero, ibinure ni bike ugereranije n’ibiri mu nyama zitukura.

Ariko n’ubwo twabonye ko inyama ziri mu mfungurwa ndemamubiri zikomeza cane amagufa y’umubiri, umuntu ntiyoca asya nabwo agaca aguma afungura iminsi yose izo nyama zaba izera canke izitukura. Ingorane n’uko hari abaca batinya kuzifungura kuko bumvise ko zishobora kugirira ingaruka mbi amagara yacu.

Ikintu cose iyo ucigerereye nta ngorane gishobora gutera. Si inyama gusa zishobora kugirira ingaruka mbi amagara yacu, hari n’izindi mfungurwa dusangamwo ivyunyunyu ndemamubiri vyinshi, nazo nyene iyo uzifunguye ukutarikwo zishobora kugirira ingaruka mbi amagara yacu. Aho twovuga nk’ifi, amagi, amata, ibiharage n’ibindi.

Hano mu Burundi, inyama zifungura cane abitwa ko bifise n’abandi baba baronse uburyo bwo kuzigura. Izo nyama baca bazisubiriza n’ibiharage, mbere biri no mu bifungurwa mbumbarugo hano mu Burundi. Abenshi ntibibaza ko iyo bifunguwe cane batagerereye, bituma haba ibinure vyinshi mu mubiri. Bihanuwe ko naho nyene hatoba indenzarugero mu kubifungura kugira umuntu yirinde utugorane two mu maraso twoshika tuvuye ku binure vyinshi mu mubiri.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.