Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinée : Abarwanya ubutegetsi bakomerekeye mu myiyerekano
Guinée : Abarwanya ubutegetsi bakomerekeye mu myiyerekano
mardi 21 Ndamukiza 2015
Imyiyerekano y’imirwi irwanya Reta ya Guinée yabaye kuri uyu wa 20 Ndamukiza, abantu benshi vyabonetse ko bayikomerekeyemwo.
Ihamagarwa mu myiyerekano y’imirwi irwanya Reta ya Guinée yarashizwe mu ngiro kuri uyu wa mbere 20 Ndamukiza 2015 i Conakry, naho ata huriro canke inama vyatangajwe ; ibarabara rikuru le Prince, mu gisagara gikuru, hamwe n’ibisagara bikuru bikuru imyiyerekano yarabaye, abadashigikiye ubutegetsi, bakaba barayikomerekeyemwo.
Ubuzima rero bwari bwahagaze yaba mu bisata vy’ubudandaji, ahadandarizwa ibitoro, amashuri, vyari vyugaye i Banlieu ahasanzwe haba abantu, benshi hamwe n’isoko nkuru Madina nayo nyene yari yugaye.
Bill N
Messages
21 Ndamukiza 2015, 13:33, par nora shekka
ewe afrika urababaje iyo muriko mutako imyikomo abazungu ngo nibo bateye ingorane muri africa ntimubona ko abatera ingorane cane arabatwara ibihugu raba i ngene abantu batwagwa mumazi barondera za bulayi vyose biva kuri ivyo binywamaraso vya ba president bacu.