Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinée : Abatavuga rumwe na Reta basubiye gutumako imyiyerekano
Guinée : Abatavuga rumwe na Reta basubiye gutumako imyiyerekano
jeudi 23 Ndamukiza 2015
Kuri uyu wa kane 23 Ndamukiza abigenga basanzwe barwanya ubutegetsi bwo muri Guinée, basubiriye guhamagarira abanyagihugu kuja mu mabarabara biyamiriza ingene amatora ariko atunganywa mu gipfungu cinshi.
Haciye iminsi, i Conakry ubuzima bwahagaze aho hibonekeje abapfuye n’abakomeretse bivuye mu migumuko, Francois Holland yavugiye i washington ko amatora ategerezwa kuba mu kwezi kwa Gitugutu, nk’uko n’imirwi irwanya Reta ibisaba, akemeza naza ko n’ibwirizwa Nshingiro arikwo nyene ribivuga. Nk’uko uwuza kw’isonga mu barwanya ubutegetsi Cellou Dalein Diallo, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’ ico gihugu abivuga, yemeza neza ko Alpha Condé atinya gutsindwa, ariyo mpanvu adashaka ko amatora yo mu makomine abera ku mugaragaro, na cane cane ko ayo matora asanzwe agoye kwiba ku bwiwe. « biragoye ko wotsindwa mu makomine yose, hanyuma ugatsinda igihugu cose ».

Imyiyerekano yaheruka muri ico gihugu, bamwe bakaba baritavye Imana, abandi barakomereka, mu gihe hari n’abatawe mu mvuto.
Bill Nkurunziza