Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guinee Bissau: Abashingamateka bemeje ko umushikiranganji wa mbere atanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinee Bissau: Abashingamateka bemeje ko umushikiranganji wa mbere atanga (...)

Guinee Bissau: Abashingamateka bemeje ko umushikiranganji wa mbere atanga imihoho

mardi 25 Myandagaro 2015

Kuwa mbere igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015,abashingamateka b’igihugu ca Guinée-Bissau baremeje ko umushikirananji wa mbere w’ico gihugu Baciro Dja,ko yotanga imihoho kugira ibibazo biri mu gihugu bitore inyishu.

Iyo ngingo yatowe ku majwi 75 kuri 79 inyuma y’amasaha 12 y’ibiganiro hagati y’Abashingamateka ,mu ntumbero yo kuronderera umuti ibibazo vya Politiki bitavugwako rumwe hagati y’Umukuru w’Igihugu n’abagize Reta.

Kuwa 12 Myandagaro niho umukuru w’igihugu José Mario Vaz yirukanye uwari umushikirananji wa mbere Domingos Simoes Pereira, yari amaze umwaka urenga ari muri ico kibanza, yavuze ko icatumye amukura muri ico kibanza ari uko ata cizere yari amufitiye.

Mario Vaz yaciye ashiraho Dja yigeze kuba umushikiranganji akaba n’umuvugizi wa Reta,ariko kuva umukuru w’igihugu amushira muri ico kibanza umugambwe uri ku butegetsi PAIGC ntiwigeze ushima igenwa ryiwe.

Umukuru w’igihugu ca Gambiya Yahya Jammeh aherutse kumenyesha ko yipfuza kuba umuhuza kugira ngo ivyo bibazo bitore inyishu.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.